Reta ya Gitega isa niyiriko irerekana ko igiye gukenyerera inyeshamba z’umuhari CNRD/FLN urwanya reta ya Kigali muntumbero yo gushaka kunagura imigenderanire myiza n’Urwanda. Reta ya CNDD-FDD ariko isa n’iyihesha mukwitandukanya burundu n’uwo muhari, na cane cane ko abategetsi bamwe bamwe mugisirikare badasangiye uyo mugambi na reta kuko bafise inyungu zabo bwite bavana muri abo barwanyi bamaze imyaka itari mike bacumbikiwe niyo reta nyene mw’ishamba cimeza rya Kibira
Muntango z’uku kwezi kwa 8 umwaka w’2023, muri Komine Mabayi intara ya Cibitoke abasirikare b’Uburundi baratanye mumitwe n’abarwanyi b’umuhari CNRD/FLN basanzwe bacumbitse mw’ishamba rya Kibira. Ico gihe, abagera kuri 6 muri izo nyeshamba barishwe abandi 3 barakomereka. No kuruhande rw’abasirikare b’Uburundi 3 barapfuye. Imiryango irenga 20 nayo irahunga.
Munyuma yaho, abarwanyi ba FLN barishe uwararongoye imbonerakure muri komine Mabayi Isidore niyongabo batazira Maisha bamuhorako ariwe yoba yabahemukiye mukubasesera agatabi kubasirikare mugihe yarasanzwe akorana n’izo nyeshamba.
Urwo rupfu rw’iyo mbonerakure Maisha rwarababaje abanyagihugu batari bake i Mabayi, ndetse vyanabaye imbarutse yo gufata abo bose bikekwako bakorana nabo barwanyi muri komine Mabayi, haba muntwaro canke mumugambwe CNDD-FDD.
Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 22/8/2023, umushikiranganji wa mbere wa reta y’ uburundi akaba yaragendeye abanyagihugu bo muri komine Mabayi intara ya Cibitoke kubera umutekano muke urangwa muri iyo komine muri kino gihe uterwa n’abarwanyi b’umuhari FLN.
Gervais NDIRAKOBUCA akaba yaragabishije ko azokwica abakorana n’abagwanyi b’Abanyarwanda bacumbitse mu Kibira. Yarongeye aranamenyesha kandi ko abategetsi b’Uburundi bagiye gutegura urusansuma kugira ngo barungike iwabo, abanyarwanda baba i Mabayi.
Kuri uwo musi wa kabiri, Gervais Ndirakobuca, yahoze ari umugwanyi akanavuka muri komine Bukinanyana yari yashavuye cane. Kubwiwe, abanyagihugu b’i Mabayi bakorana n’abaroberi b’Abanyarwanda bashobora kugira ingorane batibaza.
“Muriko murakina n’umuriro”, uko niko yababwiye.
Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca ntiyariye umunwa mukumenyesha ko abanyagihugu bose bakorana n’abo baroberi b’Abanyarwanda bacumbitse mw’ishamba cimeza rya Kibira bariko bikwegera inkuba z’abategetsi b’Uburundi.
“Muhakwa kuzohambira icarimwe abantu bashika 300. Ntituzokwemera ko abasirikare bacu bicwa umwanya ku mwanya. Kuki mufasha abo bantu? Nimba bafise ivyo basaba ni baje kubisaba mu Rwanda kuko niho bafise ivyo baronderayo, kandi abe ari naho baronderera ivyo kurya. Bashobora gukwega ingorane mutari mwiteze”, Uko niko yavuze ashavuye cane.
Yarongeyeko ati: “Hagarika gukorana n’abo bantu hatararengerana kandi ndabagabishije iryanyuma”.
Nubwo reta ya gitega ivuga gutyo, amatohoza yakozwe na Rwandatribune yerekana ko hariho abategetsi bamwe bamwe na cane cane mugisirikare, uhereye k’uwurongoye ibiro bikuru vya gisirikare Général Prime NIYONGABO, bacuditse kandi bakorana n’izo nyeshamba zo muri CNRD/FLN. Abo barwanyi bakaba bashikanira inzahabu bimba muri iryo shamba cimeza rya kibira hamwe n’amafaranga yegeranywa hirya no hino mumahanga, mubanywanyi buyo muhari FLN.
Aha rero abatari bake baribanza ingene abarwanyi ba CNRD/FLN bazovanwa aho mukibira mugihe hari ibihangange mugisirikare babashigikiye kandi bakorana nabo kandi ari nabo bari bajejwe kubatuza imbere y’abandi bose haba reta canke abanyagihugu.
Ikindi umuntu yokwibaza n’ingene reta yobanza kugabisha umurwi w’itwaje ibirwanisho ngo ukunjure, aho nyabuna kuwaka ivyo birwanisho hanyuma bageshengezwa imbere y’intahe kuvyaha boba barakoze!
Reka turindire turabe amaherezo y’uwo muvuduko wa reta ya CNDD-FDD mukurwanya CNRD/FLN mugihe tuzi neza ko iyo reta nyene ariyo yacumbikiye uyo muhari muri ico kibira.
Fréddy Nkurunziza