Umuhari RED-Tabara , wagavye igitero kubasirikare b’uburundi ir’ ijoro ryakeye ahegereye uruzi Rusizi rugabura Uburundi na Congo
Amasase menshi yaraye yumvikanye muri zone Buringa komine Gihanga intara ya Bubanza. Umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho bazananye mw’ishamba cimeza rya Rukoko hafi y’uruzi Rusizi barasanye n’abasirikare b’igihugu. Abanyagihugu baho baraye mubwoba bwinshi.
Nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro kuri uno wa Gatandatu igenekerezo rya 02/9/2023, niho humvikana amasase menshi imbere y’akabari bita “Sport Bar” muri Zone Buringa, Komine Gihanga intara ya Bubanza.
Nkuko amakuru dukura i Buringa avyemeza, wari umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho baje bava mw’ishamba cimeza rya Rukoko, bashaka kwinjira hagati mubanyagihugu. Niho abo bantu baca barasana n’abasirikare b’uburundi, harumvikana amasase menshi kandi umwanya utari muto.
Muri ako kanya nyene, abo barwanyi barateye igisasu bita “Rocket” imodoka yo mubwoko bwa “Probox”, irasha iratokombera, mbere bamwe bakibaza ko umushoferi yariko arayinyonga yoba yahiriyemwo. Hari n’iyindi modoka barashe cane bayitobagura amapine, nkuko amakuru ava i Buringa abandanya abivuga. Ikindi ayo makuru avuga, n’uko hari umuntu umwe vyaboneka ko yakomeretse cane hafi y’iyo modoka yarashwe.
Abo barwanyi bivurwa ko ari abo mumuhari RED-Tabara, usanzwe ucumbitse muri Kivu y’amajepfo muburasirazuba bwa repubulika ya demokarasi ya Congo, bahavuye basubira mw’ishamba cimeza rya Rukoko iyo baje bava. Nayo aho i Buringa hasigara haboneka abasirikare n’abapolisi benshi.
Abegereye RED-Tabara baremeza ko uyo muhari ariwo wagavye ico gitero.
Freddy Nkurunziza