Mukiganiro n’abameneyeshamakuru kuri uno wa gatatu itariki 06/9/2023, icegera c’umuvugizi wa Monusco yamenyesheje ko ibiganiro bijanye n’ingene Monusco yova muri Repuburika ya demokarasi ya Congo ,vyatanguye kuva 2021 hisunzwe icifuzo c’uko inyuma y’amatora yo mukwezi kwa 12 uyu mwaka wa 2023, Monusco yoca iva muri Congo.
Nkuko bimenyeshwa n’umupfasoni Ndeye Khady Lo , icegera c’umuvugizi w’umurwi wa ONU warungitswe mubutumwa bwo kubumbatira amahoro muri repubulika ya demokarasi ya Congo “Monusco”, harabaye imibonano myinshi hagati ya leta ya Congo na Monusco kubijanye n’ikinjura rya Monusco muri repubulika ya demokarasi ya Congo.
Ndeye Khady Lo amenyesha ko Monusco yiteguriye cane kuva muri repubulika ya demokarasi ya Congo muburyo bubangutse kandi bwihuse, inyuma y’imyaka hafi 24 uyo murwi wa ONU uri kubutaka bwa Congo.
Ariko rero, umupfasoni Ndeye Khady Lo avuga ko ugukinjura kw’abari mubutumwa bwo kubungabunga amahoro muri Congo “Monusco” bidasigura ko ibikorwa vyose vya ONU bizoba bihagaze muri Congo kuko ayandi mashirahamwe yegamiye ONU azobandanya gufata mugongo ico gihugu mubjanye n’iterambere n’imibano.
Muri ico kiganiro co kuri uno wa gatatu, icegera c’umuvugzi wa Monusco yaramenyesheje kandi ko ivyifuzo vyabo berwa n’ibibazo vyo muntara za Rituri, Kivu y’amajepfo n’iyamaja ruguru bizofatwa nkama muntumbero yo kwegeranya vyankenerwa vyose vyosiga bitunganijwe na Monusco mugihe izoba iriko iritegurira kuva kubutaka bwa repubulika ya demokarasi ya Congo atacononekaye kandi ataco isize inyuma.
Mw’ikete ryo kwa 01/9/2023 ryarungikiwe inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano, icegera c’umushikiranganji wa mbere ajejwe imigenderanire christophe Lutundula yagarutse k’ucifuzo ca leta ya Kinshasa c’uko Monusco yova kubutaka bwa repubulika ya demokarasi ya Congo muburyo bumeze neza kandi atagisigaye inyuma.
Freddy Nkurunziza
Rwandatribune.com