Mu kiringo kidashika indwi imwe, abapfungwa babiri barapfiriye mu gasho ka komisariya y’igipolisi ca Cibitoke.
Ibitigiri vy’umurengera no kubura ibifungurwa nivyo bibangamiye abafungiwe mugasho ka komisariya y’igipolisi ca Cibitoke. Umushikirizamanza wa repuburika muntara ya Cibitoke aremeza ayo makuru ariko akavuga ko ari umupfungwa umwe gusa yapfuye atari babiri.
Bose bari bafise imyaka itari musi ya mirongo itatu bakaba bari bapfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi c’intara haraheze amezi arenga atatu.
Umupfungwa wa mbere yapfuye ku wa kabiri w’uwa 5 Nyakanga guheze uwundi na we apfa imisi ibiri inyuma y’aho.
Kubw’amasoko atandukanye, abo bapfungwa bishwe n’ukubura ibifungurwa.
Umwe mu bo bari bapfunganywe yamenyesheje ko bivuye ku bwishi bw’abapfungwa n’ubukene bw’ibifungurwa, abeshi mu bapfungwa bafise indwara zifatiye ku gufungura nabi.
Umwe mu bacungera ako gasho aremeza ivyo vyiyumviro.
“Nta n’umwe yabaha ico gushira ku munwa. Abo bapfungwa babiri bari bakenye kandi nta miryango bari bafise kugira ibagemurire kuko umwe yari uwo muri komine Bukinanyana, uwundi w’i Mabayi”, ni ko uwo arongoye ako gasho avugana umubabaro.
Umwe mu baharanira agateka ka zina muntu avuga ko hari ubwishi bw’abapfungwa mu busho.
“Abo bapfungwa bari bagirizwa ivyaha vy’ubusuma mu miryango. Ukwegerana cane kw’abo bapfungwa muri ako gasho gafise ubushobozi bwo kwakira abantu 20 ariko karimwo abarenga 130 ni yo ntandaro y’ukubaho nabi vyibonekeza muri ako gasho”, ni ko yatomoye.
Ku bwiwe, ata gikozwe vyihutirwa, abandi bapfungwa barahakwa gupfa.
“Abeshi muri abo bapfungwa bagirizwa ivyaha bito bito. Amadosiye yabo ntiyategerezwa guteba mu minwe y’abacamanza n’inyamiramabi. Ni nkenerwa ko hashirwamwo inguvu hakanyarutswa imanza nyishi z’abapfungwa bagirizwa kenshi nk’ubusuma. Ivyo vyofasha kugabanya ibitigiri vyo muri ako gasho katanafise ivya nkenerwa ku gasho”, ni ko amenyesha.
Muri parake yegamiye sentare nkuru y’igihugu ya Cibitoke, umushikirizamanza ayirongoye aremeza “urupfu rw’umupfungwa umwe yoba yishwe n’indwara yari amaranye igihe kinini”.
Yemeza kandi ko hari ubwishi bw’abanyororo muri ako gasho. Kubwiwe, ubukene bw’imodokari yunguruza abapfungwa bamaze gukatirwa umunyororo ni kimwe mu bituma. (Xanax) Asaba abafasha mu gisata c’agateka ka zina muntu no mu gisata c’agateka k’abanyororo cane cane gufasha mu bijanye n’uburyo bwo kwiyunguruza kugira ngo abo bapfungwa bunguruzwe bajanwa mu mabohero cane cane irya Mpimba mu gisagara c’ubudandaji Bujumbura.
Ni inkuru dukesha SOS Media Burundi
Freddy NKURUNZIZA