UNICEF imenyesha ko mumatohoza yasanze igihugu ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo arico gihugu ca mbere kibi, gikorerwamwo amabi menshi atandukanye k’ubana, kandi ibintu bikaba bitera vyunyuka
Nkuko tubikesha ikinyamakuru c’abongereza BBC,Uwitwa Sheema Sen Gupta, ajejwe gukingira agateka k’abana mw’ishami rya Onu rijejwe ibibondo Unicef, agira ati:
“Ugereranije ibiharuro vyo mu mwaka uheze n’ivyo uyu mwaka, ikubagurwa rishingiye ku gitsina ryiyongereye ku bice 47%. Ibi n’ibiharuro birenze urugero.”
Gupta yavuganye na BBC inyuma yo kugendera amakambi y’abateshejwe izabo mu buseruko bwa Congo mu mpera z’ukwezi kw’icenda.
Yagize ati: “Ufatiye gusa ku buseruko bwa Congo, Kivu ya Ruguru n’iy’ Epfo gusa, abana b’abigeme bane kuri batanu baramaze gukorerwa ihohotera rishingiye ku gitsina”.
Repubulika ya Demokarasi ya Congo gifise uburinganire bungana n’Uburaya bw’uburengero, kikaba kibamwo abantu imiliyoni ijana, kikanagira n’ubutunzi bwinshi bw’amabuye y’agaciro.
Mu 2022, Unicef yegeranije ibiharuro bigera ku 3.400 vy’abana “bahohotewe bikomeye” muri Congo, harimwo abagera 1.600 binjijwe mu gisirikare, 700 bishwe n’abandi boba bashika 290 bafashwe ku nguvu.
Gupta yongeye abwira BBC ati: “Kuba ndi mu bakingira abana, ndazi ibiriko biraba. Ariko iyo ugiyeyo ugahura n’abana n’urwaruka, biragukora ku mutima. Narababajwe n’ihohoterwa rikomeye abo bana bagirirwa”.
Kuva mu ntango ya 2023, abantu barenga umuliyoni barasubiye guta izabo kandi muri Congo, bituma igitigiri c’abaziteshejwe kirenga imiliyoni 6.
Mu mwaka uheze, ubwicanyi bwarongerekanye mu gihe abasirikare ba reta bariko baratana mu mitwe n’imigwi yitwaje ibirwanisho irenga 100 mu buseruko bwa Congo, n’aho hari hasanzwe hari ingabo za Onu zijejwe kugarukana umutekano.
Kuva mu kwezi kwa kabiri, abarwanyi ba M23 bagumye bigarurira utundi turere.
Uwo mugwi washinzwe haraciye imyaka cumi uvuga ko ugwanira inyungu z’abanye Congo bavuga ururimi rw’ikinyarwanda, ukaba uhanganye n’abo mubwoko bw’abahutu bitwaje ibigwanisho.
Freddy NKURUNZIZA