Igisirikare ca Israël IDF, camenyesheje ko carashe ibisasu vya misile ku musigiti wo mu mugisagara ca Jenin uri muri ahitwa West Bank muri Palestine.
Igisirikare ca Israël gisigura ko amakuru y’ipereza ryaco yahishuye ko uwo musigiti wakoreshwa nk’ikigo c’ubuyobozi co gutegura no gukora ibitero vy’iterabwoba ku basivile.
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa Palestine bwavuze ko abasirikare ba Israel bishe abantu bane.
Igisirikare ca Iaraël kikaba casubiriye kuburira abantu bakiri mugisagara ca Gaza ko bohungira mu majepfo.
Ibi bibaye inyuma y’ikindi gitero c’inzego z’umutekano za Israël mw’ ikambi ya Nur Shams, casizemwo ubuzima abantu 13, barimwo abana batanu, nkuko bivugwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Mukiganiro yahaye abamenyesha makuru kuri uyu wa gatandatu, umuvugizi w’igisirikare ca Israël Daniel Hagari, yavuze ko igisirikare ca Israel kigiye kongereza ibitero kuri Gaza.
Freddy NKURUNZIZA