Jolis Bukeyeneza, umusore w’umurundi, yahatswe kwiyahura mu gihe igipolisi c’u Rwanda cariko kiramushikiriza igipolisi c’u Burundi ku mupaka wa Nemba – Gasenyi.
“Jolis Bukeyeneza, w’imyaka 30, yahungiye mu Rwanda inyuma yo kwiba imiriyoni zirenga 25 z’Amarundi mw’ibanki Bancobu, aho yakorera mu ntara ya Bururi mukwezi kwa gatandatu uyu mwaka nkuko vyamenyeshejwe na Thierry Murangira, umuvugizi w’ikigo kijejwe amatohoza n’igendereza c’u Rwanda RIB.
Jolis Bukeyeneza yashitse ku rubibe, aboshe, aherekejwe n’igipolisi c’u Rwanda. Mugihe imodokari yariko igenda buke buke yerekeza mu kibanza gisangiwe n’ivyo bihugu bibiri, arindiriwe n’isinzi ry’abapolisi b’Abarundi, ibintu vyarahindutse.
Thierry Murangira ati : “Amaze kubona ko tugomba tumutange mu minwe y’igipolisi c’u Burundi, kubera yari azi amabi yiyemereye ko yakoze harimwo ukwibisha uruyeri, ubusuma bw’amafaranga hamwe n’amadeni meshi atarariha, yaragerageje kwiyahuza mainote zari zimuboshe. Yarakomeretse aca arata ubwenge”.
Igipolisi caciye kimujana ku bitaro vya Nyamata, hafi y’urubibe kugira ngo avurwe.
Umuvugizi wa RIB Thierry Murangira asozera agira ati :”Icihutirwa kwari ukumuvura. Inyuma yo kumukurikirana ariko, vyarabonetse ko ataremvye. Twashaka kubamenyesha ko umugambi utahindutse, niyakira, azosubizwa mu gihugu ciwe, asubizwe mu minwe y’abategetsi b’u Burundi, ashirwe imbere y’ubutungane”.
Intango ya vyose, Jolis Bukeyeneza yari yaronse ubutumwa ku mbuga ngurukanabumenyi bumwemeza ko aronse akazi muri Amerika. Abamwandikiye baramusavye ibimuranga, baramuha ibibazo arishura, baramwerera ko yamenye, baramuha n’impapuro zimwereka ko aronse akazi, n’umushahara azohembwa, bamurungikira impapuro zemeza ko azoshika aronka Visa i Dar-es Salaam muri Tanzania. Ariko ivyo vyose vyarasaba amafaranga atari make kandi adafise. Ninaho Jolis yaterura amahera mw’ibanki BANCOBU ishami ryo muntara ya Bururi mubumanuko bw’u Burundi.
Hageze kuja gutora ya Visa muri ambassade i Dar-es Salaam, niho Jolis Bukeyeneza yamenya ko yahenzwe n’abafungakiwani, asanga ivyo yabwiwe vyose ni ibinyoma, arinako guca ahungira murwanda abuze ayo acira n’ayamira.
Freddy NKURUNZIZA.