urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD bagera ku 600 begeranirijwe muri komine Mabayi intara ya Cibitoke kuva kuri uno wa mungu uheze.
Imbonerakure zigera kuri majana atandatu (600), batowe muntara za Bujumbura,Bubanza na Cibitoke.
Nkuko isoko rya Rwanda Tribune I Mabayi ribitumenyesha, kuva kuri uyu wambere izo mbonerakure zaratanguye imyimenyerezo ya gisirikare, zizomaramwo ivyumweru bibiri.
Munyuma izo mbonerakure zizinjizwa ishamba rya kibira, zifashanye n’abajejwe umutekano guhiga no gutuza inyeshamba za CNRD/FLN zicumbitse
muri iryo shamba kuva mu 2005.
Ariko rero, ivyo birateye ubwoba abanyagihugu bo muri komine Mabayi no mumicungararo, na cane cane abari mumigambwe itavuga rumwe na reta,ngo narirya bari basanzwe babayeho mumutekano muke, kubera ugutotezwa no guturatuzwa n’urwo rw’aruka nyene rw’umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD.
Nkuko bivurwa nabo banyagihugu, ngo basanzwe barahahamutse kubera amabi atandukanye bakorerwa n’imbonerakure, ari naco gituma izo mbonerakure zindi zije kwiyongera kuzari zihasanzwe muri iyo komine, zigatako zikanahagirira ikarashishi n’imyimenyerezo ya gisirikare, bitabahumuriza na gatoya.
Freddy NKURUNZIZA