Ibikorwa vyo gushingura bamwe mu basirikare b’Uburundi baherutse kugwa mu ntambara iri hagati ya Leta ya Félix Tshisekedi n’umuhari M23, bitegekanijwe muri ino ndwi. Ariko rero ivyo bikorwa biteguwe mu buryo budatomoye kandi bunyegeje.
Leta y’Uburundi ntishaka ko imiryango yabuze imenyana kandi ntishaka gutanga umuco ku cishe abo basirikare. Amasoko yacu mu gisirikare yatubwiye uko ivyo bikorwa bitegekanijwe. Aho ni mu gihe hari imiryango myinshi itagira amakuru y’aho ibiziga vy’ababo biri.
Nkuko amakuru dukura mugisirikare c’Uburundi abivuga,gushingura abasirikare baguye mu ntambara ya M23 muri Congo biriko bikorwa ukuntu gutangaje. Kirazira ko amaziko abera rimwe, kirazira kandi ko imiryango yabuze imenyana.
Bagerageza kurondera ko buri musi bashingura abasoda batava mu ntara zimwe kubera badashaka ko abantu babuze ababo bobonana bagahana ivyiyumviro. Amaziko azoba ahagirikiwe n’intwazangabo (Officier) yarungitswe n’ibiro bikuru vya gisirikare (État-Major Général).
Amaziko aheze, iyo ntwazangabo izoca inyegera kubera ibibazo umuryango womubuza ntiyovyishura. Asiga abwiye umuryango wabuze ko ibisigaye bazobimenyera mur État-Major. Umuryango nawo ugeze muri État-Major, hagize ico ubaza, uzoterwa ubwoba, bababwira ko uwabo yapfiriye ku kazi.
Gutyo nta muco uzigera utangwa ku vyahitanye abasirikare. Ni nkuko imiryango ataco izobaza kijanye n’indishi y’akababaro kiretse ibisanzwe biteguriwe umusoda apfiriye mu Burundi. Ntaho bihuriye n’ibikorerwa umuryango w’umusirikare apfiriye mu mahanga, nka kurya bikorwa k’uwuguye muri Somaliya.
Abasirikare baragurishijwe muri Congo, imiryango iriko yamburwa abayo ata nsiguro, ata teka, ata ndishi.
Aha rero, hakaba hari imiryango myinshi idafise amakuru y’ababo.
Bamwe mu miryango baragandaye ariko ntibazi ko ibiziga vy’ababo vyoba vyatahanywe canke ko vyaheze muri RDC. Biravugwa ko hoba hari abasoda batazwi irengero, boba baratakaye bariko barahunga canke bakarasirwa mu bibanza bitazwi. Kuri abo bose, igisirikare c’Uburundi kiguma mu gacerere.
Ikindi kitavugwa ni igitigiri c’abasoda bafashwe mpiri na M23. Leta y’Uburundi kugeza ubu ntiyemera ko iriko iragwana na M23, ntiyemera ko abasoda bayo bafashwe ku rugamba. Ni nayo mpamvu ataco iriko irakora ngo ibohoze abasoda bafashwe.
Kugeza ubu Igisirikare c’Uburundi cari gifise bataillons zitatu ziri muri Nord-Kivu kugwana na M23. Amakuru dufise avuga ko hariko hararungikwa bataillon igira kane ivuye mu Burundi. Hariho n’abandi basirikare b’Uburundi bariko barakurwa ku birindiro bafise muri Kivu y’amajepfo, bose bakaba bariko bimurirwa muri Kivu kugwana na M23.
Abaja kugwana na M23 bose bambikwa umwambaro w’igisirikare ca Congo. Ivyo bisigura ko mu misi iri imbere, ibitigiri vy’abasirikare b’Uburundi bahitanwa n’iyo ntambara bazobandanya kwongerekana. Abategetsi b’Uburundi bo bazobandanya kwegeranya amafaranga aja mu mifuko yabo.
Amazina amaze kumenyekana y’abasirikare baguye mu ntambara na M23 ni aya akurikira:
- Major Ernest Gashirahamwe (matricule SS1677). Iyi ntwazangabo y’imyaka 43 yavuka mu ntara ya Muyinga, komine Gashoho, umutumba Muyange. Umuvyeyi wiwe, Cécile Ntwayumuranga, yahoze ari umushingamateka wa FRODEBU. Abiwe bararonse ikiziga, bazomushingura ku wa kane uza.
- 1Cl Evariste Uwimana (Matricule HR28964). Uyu musirikare w’imyaka 27 gusa, avuka mu ntara ya Kirundo, komine Busoni, umutumba wa Rwibikara. Abiwe bararonse ikiziga, azoshingurwa ku wagatatu uza. Ashengeye yari amaze imyaka itanu gusa mu gisirikare c’Uburundi.
- 1Cl Gordien Uwimana (matricule HR 26362). Uyu musirikare w’imyaka 29 gusa, yari amaze imyaka itandatu mu gisirikare. Avuka mu Ngagara mu gisagara ca Bujumbura. Uyu mu gisirikare baremera ko batahanye ikiziga ciwe.
- Adjudant Ezéchiel Ndayishimiye batazira BWAYAZE (Matricule 76631/SC4668). Uyu musirikare w’imyaka 36, avuka mu ntara ya Bujumbura (rural), muri komine Kabezi, umutumba wa Rugembe. Yinjiye mu gisirikare c’Uburundi muri 2009 avuye mu ngabo za FNL. Mu gihe abiwe bamushira mu bapfuye mu ntambara iherutse, twasanze yaguye muri Congo kw’igenekerezo rya 4.9.2023.
- Caporal-chef Jérôme Kabura (Matricule HR11421). Uyu musirikare w’imyaka 39 avuka mu ntara ya Makamba, komine Kibago, zone Bukeye, umutumba wa Nyarubanga. Uyu abiwe nta makuru atomoye bafise. Jérôme Kabura asize umupfakazi n’abana batatu. Yari yinjiye mu gisirikare c’Uburundi avuye mu bagwanyi ba CNDD-FDD.
- 1Cl Fleury Masabarakiza benshi bita Masabo (Matricule HR27642). Uyu musirikare w’imyaka 29 avuka mu ntara ya Mwaro, komine Bisoro, umutumba Gitaramuka. Abiwe bavuga ko batararonka ikiziga c’uwabo. Ashengeye yari amaze imyaka itanu gusa mu gisirikare c’Uburundi.
- 1Cl Malin Niyonkuru (Matricule HR 27861). Uyu musirikare w’imyaka 30, avuka mu ntara ya Gitega, komine Itaba, umutumba Rukobe II, mu Gasunu. Malin Niyonkuru agiye akiri umusore, yari yiteguriye gushinga urugo uno mwaka. Ikiziga ciwe carabonetse, abiwe biteguriye kumushingura. Ashengeye yari amaze imyaka itanu gusa mu gisirikare c’Uburundi.
- Caporal-chef Edouard Nimbesha (matricule HR 17616). Uyu musirikare w’imyaka 41, avuka mu ntara ya Muramvya, komine Bukeye, umutumba wa Nyambo. Yinjiye mu gisirikare c’Uburundi muri 2001. Edouard Nimbesha yari yubatse, asize umwana atarakwiza imyaka ibiri. Abiwe nta gakuru bafise ajanye n’ikiziga c’uwabo.
- 1Cl Désiré Sindayihebura (Matricule HR 26970). Uyu musirikare w’imyaka 28, uvuka mu ntara ya Bururi, komine na zone Bururi, ku mutumba wa Murago. Abiwe nta makuru bafise atomoye, na canecane ku bijanye n’ikiziga c’uwabo. Désiré sindayihebura ashengeye yari amaze imyaka itandatu gusa mu gisirikare c’Uburundi.
- 1CL Méthode NIYONKURU (Matricule HR27864). Uyu musirikare w’imyaka 29 gusa, avuka mu ntara ya Ruyigi, komine Bweru, umutumba Kanisha. Uyu nta gafoto kiwe twashoboye kuronka. Igisirikare kiremera ko gifise ikiziga ciwe. Agiye yari amaze imyaka itanu gusa mu gisirikare.
- Umusirikare Jean-Luc Niyonkuru avuka mu ntara ya Ruyigi, komine Bweru, zone Busoro, umutumba Gasenyi, agacimbiri Bidakokoye.
- 1CL Mechack NIYONKINZO (Matricule HR 27851). Uyu musirikare w’imyaka 25 gusa, avuka mu ntara ya Mwaro, komine Kayokwe, umutumba Ngara. Igisirikare kiremera ko gifise ikiziga ciwe. Agiye yari amaze imyaka itanu gusa mu gisirikare.
Ntitwibagira 1CL Melance Ndikumana (matricule 27742). Uyu musirikare afise imyaka 30, avuka mu ntara ya Mwaro, komine Rusaka. Amaze imyaka itanu gusa mu gisirikare c’Uburundi. Ubu ari mu minwe ya M23, hamwe na bagenziwe amazina ataramenyekana.
Ikibabaje rero gusumba kandi giteye isoni k’uburundi, abo bana b’igihugu bicwa bambaye umwambaro n’ibendera rya RDC. Bajanwa ku rugamba bambuwe umwambaro n’ibendera ry’Uburundi. Bapfira Congo ariko ntibunamirwa, ndetse ntanicubahiro na gitoya Congo ibaha.
Abafashwe igihugu cabo kirabaheba, abakongomani nabo barabatuka ngo ni aba M23. Leta yabarungitse mu kinyegero ntibunamira, ntibasezera. Imiryango isigara mu kaga n’ibibazo, amahera y’umurengera yavuye mu maraso yabo asigara araribwa n’abategetsi bakenya mu gisirikare no muri Leta.
Tubibutse ko umusoda wese w’umurundi Congo imuhemba amadolari 200 ku kwezi (800.000 Fbu), ariko intwazangabo zironka 150.000 Fbu, ibisongerezi 90.000 Fbu, abasoda batoya 60.000 Fbu. Nayo Ku musoda wese w’umurundi arungitswe muri RDC, Leta y’Uburundi ihembwa amadolari 5000 (20.000.000 Fbu).
Ayo yose ntuwuzi iyo aja, kandi ntiyandikwa mu mafaranga Leta y’Uburundi izokoresha canke mu mafaranga igisirikare c’Uburundi gikoresha.
Muri make, uru ni urudandaza rw’abana b’Uburundi ruteye isoni n’agahinda.
Freddy NKURURNZIZA