Abasirikare 3 bo mu rwego rw’intwazangabo bari barongoye abandi ku rugamba n’umuhari M23 muri Repubulika ya demokarasi ya Congo,baratahukanywe batabwa mumvuto
Nkuko tubisoma kurubuga rwa Radiyo RPA, Capitaine Bayubahe Emery, Capitaine Manirakiza Jean Marie, na Lieutenant Bararunyeretse Roger nizo ntwazangabo zitatu zakuwe i Goma muri Republika y’intwaro rusangi ya Congo kuwa 12 wukwezi guheze kwa 11 uyu mwaka wa 2023, zishika zipfungiwa mu gipolisi ca gisirikare.
Amakuru ashikira imiryango yabo avugako batahukanywe ubutarariye inyuma y’ingwano zahuje abasirikare b’Uburundi n’umuhari witwaje ibigwanisho M23.
Inyuma y’urupfu rw’uwararongoye izo ngabo, Major Ernest Gashirahamwe yaguye kurugamba aho i Goma, izo ntwazangabo 3 ngo nizo zasigaye zirongoye ingwano.
Amasoko ya RPA avugako izo ntwazangabo zoba zasavye abasirikare kuyanyaga kugira ntibabandanye kuguma bicwa kubwinshi.
Bahunze, abarwanyi b’umuhari M23 ngo baciye bafata ibirwanisho batahunganye. Abarongoye igisirikare mu Burundi rero babagiriza gukora ibihushanye n’igikorwa bari batumwe.
Murizo ngwano zabaye muntango z’ukwezi kwa 11, igisirikare c’Uburundi cahatakarije vyinshi. Abasirikare barishwe, abandi bafatwa mpiri n’umuhari M23.
Izo ntwazangabo 3 zarumvirijwe kuwa 15 ukwezi kwa 11 guheze, bamaze iminsi 3 bashikanywe mu Burundi. Imiryango yabo ifise impungenge kuko gushika uyu munsi, iminsi 19 iraheze bapfunzwem ariko batarabakubita ijisho. Bagasaba igisirikare kwubahiriza uburenganzira bw’abapfungwa.
Freddy NKURUNZIZA
Rwandatribune.com