Leta y’u Burundi ibicishije mwishiramwe ANAGESSA (Agence Nationale de Gestion de Stock Stratégique Alimentaire) ku murindi ukabije mwikwiba, gusahura itunga ry’abanyigihugu.
Abanyagihugu bo muntara z’igihugu c’u Burundi bariyamiriza ishirahamwe ANAGESSA kugatogezo nu’busuma ririko ribakorera ku mugaragaro.
Iryo Shirahamwe rikaba rihurikiyemwo abahoze mumuhari Cndd FDD bakiri mwishamba.
Iryo Shirahamwe ANAGESSA rikaba ryafashe intumbero yo gukusanya umwimbu wibigori abarimyi bimbuye mugihugu cose.
Bakaba begeranya uwo mwimbu wibigori,cane cane kumirwa mikuru ya ma zone y’igihugu, bamwe mubanyagihugu hakanababera kure caane.
Abageranya uwo mwimbu w’ibigori nka bose nabahoze ari abagwanyi ba Cndd FDD ukiri mwishamba bafatanije nimbonerakure hamwe n’indongozi zimwe zimwe, bashigikiwe na leta y’u Burundi.
Babwira abanyagihugu ko atawundi muntu numwe yemerewe kugura uwo mw’imbu atari iryo Shirahamwe ANAGESSA,ko nuwo bobona abikoze azohanwa kandi agaca afatwa nk’umwansi w’igihugu c’u Burundi.
Mwomenya ko babwira abo barimyi ko ikilo kimwe bazokibagurira amafaranga 1700fb(1700fb/kg).
Kandi bakabibagurira no kwideni,atanaho bandikiraniye usivye kubaha akantu kagapapuro kanditseko ibiro bapimye atana cashi ivyemeza iriko.
Abo Barundi babona ko ari ubusuma bukabije bw’ateguwe na leta y’uburundi ifatanije numugambwe cnddfdd, kugira bibe urukomba mazi abarundi.
Bavuga bati twebwe tugiye kugurira ifumbire leta,turiha amafaranga imbere amaze abiri canke atatu, kugira turonke iryo fumbure,, hakaba nigihe batariduha twarishuye amafaranga yacu.
Ariko leta yoyo ishaka kubatwara umwimbu wabo kwideni atanicanditse babahaye bazishurizako,eka nabaza kubigura benshi usanga batanabazi.
Abo banyagihugu bakaba biyamiriza ubwo busuma bukabije leta ya Evariste ndayishimiye nakagwi bakorana bama bakorera abo barongoye,mukubanunuza amaraso, batitaye no kunzara n’ubukene abarundi basanzwe babayemwo.
Bamwe mubanyagihugu bo muntara za Bubanza, Cibitoke, Bujumbura, Rumonge, bavuga ko barambiwe nagatotezo leta y’uburundi numugambwe cnddfdd yama ibakorera.
Bagashimangira bavuga ko nimba leta idashoboye kubariha amafaranga kumwimbu baba babaguriye, bazobigumiza muhira canke bakazovyijanira ahandi babaha amafaranga mbere.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com