Mu Burundi hari abahoze ari abarwanyi ba Red tabara aribo Minani saturne na Nkurunziza Égide,bari bamaze igihe bafungiwe mwibohero rikuru rya mpimba riri mu gisagara ca Bujumbura, bahejeje gusohorwa miryo bohero mugatondo ko kuruno wakane igenekerezo rya 29/02/2024, batwarwa nabi ahantu hataramenyekana gushika iyi saha.
Abo bahoze ari abarwanyi ba Red tabara, bakaba bari barafatiwe mw’Ishamba rya NYUNGWE mugace ka ko mugihugu c’u Rwanda n’abasirikare binjiye kubutaka bwaho.
Abo n’abo leta y’u Rwanda ikaba yaciye ibashikiriza mu nzira zijanye n’amategeko igihugu c’u Burundi.
Bakaba bari abagwanyi 19( 19 combattants du mouvement Red tabara qui ont été remis au gouvernement du Burundi par le gouvernement du RWANDA).
Bakaba bari basanzwe bafunzwe muburyo bunyuranye n’ uburenganzira bwa kiremwa muntu.
Abo bari bafunganywe bavuga ko batwawe nabi cane, uko ari babiri ahantu hatazwi.
Abo bahoze ari abarwanyi ba Red tabara, bakaba bahorwa igitero gikomeye cakozwe nabaroberi ba Red tabara, muri zone Buringa komine GIHANGA intara ya BUBANZA kumunsi w’Imana rya 29/02/2024.
Imiryango yabo, abagenzi, incuti,bagatabariza ababo ko batogirirwa nabi, nkuko bisanzwe bimenyerewe, kuko iyo kenshi abantu bakuwe mumpimba murubwo buryo,baburirwa irengero,,,nibiziga vyabo imiryango ntibibone.
Desire Nkundwa
Rwandatribune.com