Mu Burundi,.umunyagihugu yitwa Melchior NDIKUMANA aba muri zone ndava komine Buganda intara ya cibitoke yaranyurujwe n’abantu bambaye impuzu za gisirikare kumunsi w’Imana iginerekerezo rya 17/03/2024.
Uwo nawe akaba asanzwe ari umwigisha kwishure rya NDAVA-village zone ndava komine Buganda.
Abamunyuruje bamusanze kurugo iwe nkigihe c’isaha zine nigice zijoro (22h30mn) bafise imodoka yo mubwoko bwa pickup ya gisirikare, bivugwa ko abo bamunyuruje arabakozi biperereza.
Bamaze kumufata yagerageje kwitabariza aravuza induru, ariko ntaco vyamufashije kuko baciye bamwuriza imodoka bamukubita buyoka, bamuteye namapingu.
Iyo modoka yaciye ifata ibarabara rija mu gisagara ca Bujumbura, yiruka kumuvuduko udasanzwe.
Uwo munyagihugu Melchior NDIKUMANA bavuga ko yari yibaniye neza n’abandi eka yikundira akazi kiwe ko kwigisha urwaruka.
Umuryango wiwe ukaba uri mugahinda kadasanzwe, aho babona ko uwabo ashobora kugandagurwa bunyamaswa nabo bamunyuruje, kuko gushika iyi saha twandika iyi nkuru bataramenya uwabo aho afungiwe.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com