Leta y’u Burundi ibicishije ku mushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu numutekano, Martin Niteretse, bahejeje gusambura burundo umugambwe CNL warusigaye bisa n’uko ariwo bihanganye, wari urongowe n’umushingamateka Agathon Rwasa.
Uwo mugambwe CNL, ukaba warumaze iminsi urimwo icuka kibi, aho hari umugwi wabashingamateka ba CNL, bagiye mukwaha kwa cnddfdd, bahawe udufaranga, nabo biyemeza gusambura umugambwe CNL, banawake Agathon Rwasa, haboneke ishami rya CNL nyakuri rikorana na cnddfdd (bimwe Cndd FDD yise nyakurizasyo).
Ikindi uwo mugambwe CNL wari umaze umwaka ibikorwa vyawo vyose bihagaritswe mugihugu, ariko abo biyonkoye kumukuru wabo Rwasa Agathon, bobo baguma bakora amanama ukuri kwamye, ndetse igenekerezo rya 10/03/2024 ,baratunganije Inama kaminuza yuwo mugambwe mu ntara ya ngozi, ico gihe Agathon Rwasa yari mugihugu ca Kenya.
Abari bitavye iyo nama bakiyoboka Rwasa Agathon, ntanumwe yemerewe kwinjira ndetse bamwe barafashwe,barafungwa umunsi wose, harimwo nabashingamateka barekurwa kumugoroba, hakaba hari nabakenyezi babiri ba CNL murabo bagifunzwe.
Iyo nama yabaye icungerewe bimwe bidasanzwe naba polisi benshi, yatumiwemwo nimbonerakure bazambitse udupira twa CNL bafise naza Motorola.
Iyo nama ikaba yarangiye bemeje uwitwa Nestor Girukwishaka nkumukuru w’umugambwe CNL mushasha,asubiriye kuburongozi Agathon Rwasa.
Icatangaje benshi nuko iyo nama ikiba umushikiranganji Martin Niteretse yavuze kwatayo yamenyeshejwe, none kuruno wambere igenekerezo rya 18/03/2024 uwo mushikiranganji Martin Niteretse ahejeje kwemeza ivyavuye muriyo nama mwikete yabandikiye yongera yemeza Girukwishaka Nestor kwariwe murongozi mushasha wa CNL.
Ivyo navyo bikaba vyerekanye wa mugambi wa leta ya cnddfdd wo guhamba burundo icitwa demokarasi, eka irangije no kubishira mungiro, uburundi bukaba basubiriye muntwaro yagacinyizo, y’umugambwe umwe rudende wirebanga mugihugu.
Mwibuke ko kuva Cndd FDD ija kubutegetsi 2005,wagumye urangwa no gusambura imigambwe yose iri mu Burundi ibona ko ifise igihagararo, ikaba yahereye kuri UPRONA iyicamwo ibice birenga bitandatu, isambura Frodebu ibice birenga bine, ija muri CNL iyicamwo ibice bitatu, havuka CNL, none nayo irayisambuye yose.
Abarundi ubu bavuga ko atagihindutse vuba na bwango, igihugu kiri mu manga idasanzwe, kubera politique mbi ya ya Cndd FDD.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com