Mw’ijoro ryo kuruwu wakabiri igenekerezo rya 09/04/2023,haguye imvura nyinshi mu gisagara ca Bujumbura ituma uruzi kanyosha rw’uzura,amazi aba menshi ata inzira yinjira mumazu y’abantu.
Ayo mazi yateye cane cane muri quartier kibenga na kinindo mu gisagara ca Bujumbura,y’injira no mumazu eka yonona ibintu vyinshi vyababa murizo quartier,nabandi bapfuye.
Amakuru isoko rya Rwanda tribune TV rikesha abanyagihugu baba murizo quartier,yemeza ko ibintu vyononekaye ari vyinshi cane eka gushika iyi saha hataramenyekana igitigiri cavyo..
Abo banyagihugu baremeza ko hamaze kumenyekana abantu batatu bapfuye,bahitanywe niyo myuzurire hamwe nabandi batandatu bakomeretse bamaze kumenyekana,,barongera bati ibitigiri vyivyononywe nayo mazi bishobora kwiyongera,,kuko amazi yari menshi, afise ninguvu zidasanzwe..
Ababa murizo quartier barasaba ko hoba ubutabazi bw’ihuse kuko ayo mazi yabateye mumazu yonona ibintu vyabo vyose bari bafise,eka ubu basa nabari mukangaratete..
Abanyagihugu baba mu gisagara ca Bujumbura, barasaba leta y’uburundi ko yogira akigoro igatunganya inzuzi zose zica mu gisagara ca Bujumbura zerekeza mu kiyaga ca Tanganyika vuba na bwango,, kuko atagikozwe, ibintu bizobandanya biyangara igihe cose imvura izoba yaguye ari nyinshi.
Desire NKUNDWA
Rwandatribune.com