Mw’ijoro ryakeye ku munsi w’ejo igenekerezo rya 24/04/2024 nk’igihe cisha zine n’igice z’ijoro 22h30 mn haraye humvikanye amasasu aturika, mugisagara ca Bujumbura, bivugwa ko ari za Grenade zaraye zitewe.
Ivyo bikaba vyabereye muri zone Ngagara Quartier y’icenda impande y’ihinguriro ry’amazi Jibu na Sodeco,
Ivyo bisasu bivugwa kwari za grenades bikaba vyononye ivyuma bitanga umuyagankuba,bita Transformateurs bibiri biri murako gace,vyegukira ishirahamwe Regideso rijejwe gukwiragiza umuriro n’amazi mu gihugu cose.
Ico gihe bigiturika,haciye hararikwa imbonerakure zose zo mugisagara ca Bujumbura,kuvyuka ngo zicungere umutekano kuko umwansi w’igihugu yabashwaye..
Bamwe bakibaza nimba imbonerakure arizo zisigaye zemewe mugucungera umutekano w’igihugu c’Uburundi gusumba abasirikare naba polisi babifitiye ubumenyi eka ariko kazi kabo ka minsi yose.
Mumakuru tugitohoza neza,turindiriye ko isoko rya Rwandatribune.com riduha riri murako gace ricukumbuye neza,,, biravugwa ko ahubwo ari umukenyuro mushasha wa cnddfdd leta ifatanije nishirahamwe rijejwe gukwiragiza umuriro namazi mu gihugu cose Regideso,wo gusamaza abarundi,kwibura rikabije ryumuriro mu gisagara ca Bujumbura eka no mu gihugu cose.
Akarorero nako mugisagara ca Bujumbura aho muma quartier hasigaye hahera nkiminsi itanu canke irenga batabonye umuriro.
Abarundi bati ahanini ivyo vyose bikaba bituruka kwiyunguruza ryamafaranga yaragenewe gusanura ingomero zijejwe gutanga umuriro,, ayo mafaranga agaheza akagabugwa n’abategetsi bahurikiye mumugambwe cnddfdd.
Bati Ubu rero basa nababuze ico babwira abanyagihugu kwikena rikabije ryumuriro mu Burundi,,, bafashe umugambi wo gusambura no kubomora utwari dusigaye (Kwisamburirako nkinyoni).
Mwomenya ko mundwi iheze hari ikindi cuma gitanga umuriro, transformateur,kiri muri zone kanyosha mugisagara ca Bujumbura,naco caturitse nkuko, bakavuga ko catewe ibisasu bikomakomeye..
Ikibabaje abarundi benshi n’uko atanamatohoza yigera aba ngo hatangwe umuco icatumye ivyo vyose biba,ngo hanamenyekane abo bagizi ba nabi bahanwe…
Ivyo bikaba betera amakenga abantu benshi, bigatuma bibaza ko bikorwa na leta y’uburundi ifatanije numugambwe cnddfdd,mu ntumbero yo kuyovya abarundi..
Abanyagihugu bakaba basozera bavuga bati leta y’uburundi ntamigambi y’iterambere ifitiye abarundi nagato, ahubwo igihugu c’Uburundi kirakwiye gitabara vuba na bwango, kuko kigeze aho umwansi ashaka.
NKUNDWA Desire
Rwandatribune.com