Abasirikare b’ Abarundi barungitswe muri RDC Kivu y’Amajaruguru kurwanya umuhari M23, bamaze iminsi bapfa kubwinshi, mu ntambara iri kubahuza na M23 muri Territoire ya Masisi.
Mu migwano ikomeye yabaye ku munsi wa kabiri n’uwa gatatu igenekerezo rya 30/04/2024 na 01/05/2024 mu bice vya Rubaya na Masisi, hagati y’ingabo z’Uburundi FDNB na M23, igisirikare c’Uburundi kikaba cahatakarije abasirikare benshi bidasanzwe hamwe n’ibikoresho vya gisirikare.
Murabo basirikare bahasize ubuzima, harimwo n’uwararongoye abasirikare ba Bataillon ya kabiri n’iya 31 bari mu bice vya Rubaya na Masisi Major Ngiruwonsaga ( commandant de la 2ème bataillon et 31ème bataillon de la FDN Major Ngiruwonsaga).
Ibitigiri bimaze kumenyekana vyabapfiriye muri iyo migwano, bitangwa n’abasirikare barokotse ariko kumvo z’umutekano wabo amazina yabo adashobora kuja ahabona, batumenyesha ko abo bamaze kumenya bapfuye bagera kuri mirongo itanu na babiri (52 Militaires Burundais tués) n’abandi bashika kuri 42 bafashwe mpiri ,eka ngo banatakaje ibikoresho vyinshi cane..
Abo basirikare batumenyesha ko nabonte batarashobora kumenya neza igitigiri nyezina cabapfuye n’abandi bafashwe mpiri, kuko nabo basanzaye ubu batarabona iyo baja n’iyo bava.
Ikinababaza abo basirikare n’uko nababa bapfuye imiryango yabo itigera ibimenyeshwa, ahubwo indongozi mu gisirikare zica zihutira kubwira imiryango yabuze ababo, ko batorotse igisirikare c’Uburundi baja kwifatanya n’umuhari M23,,ivyo navyo bigatera agahinda abo basirikare be n’imiryango yabo…
Ubu abo basirikare barokotse, benshi bakaba bariko bagira urugendo rurerure n’amaguru berekeza muri Kivu y’amajepfo, aho bagiye gusanga abandi basirikare b’abarundi bari kurwanya za twigwaneho, begereza ku mupaka Uburundi buhana na RDC.
NKUNDWA Desire
Rwandatribune.com