Kuruno wagatanu igenekerezo rya 10/5/2024, imbonerakure zibiri zomuri komine kabarore muntara ya kayanza, zihejeje kwiha ibara zica umwana muto wumusore izuba riva igihe ca 14h.
Imbonerakure Niyonkuru Victor bafatanije niyindi janvier, bafashe umusore wimyaka 22ans,yitwa nsabimana Philippe,, bakaba bamufatiye kumutumba Ryamukona komine kabarore, muntara ya kayanza,kurubibe igihugu c’Uburundi gihana n’URWANDA mugace ka huye.
Uwo muhisi ngo yariko aja kugasoko kahitwa kw’iviro, akaba ari agasoko gahuza abarundi nabanyarwanda..
Abanyagihugu babonye ifatwa ryiwe,baremeza ko izo mbonerakure atakintu nakimwe bamufatanye,.
Izo mbonerakure Niyonkuru Victor na janvier , bakaba bariko bakizura murako gace,,nizo zaciye zifata nsabimana Philippe, batangura kumukubita buyoka,bongera bamucumita icumu mugutwi kwiburyo,iserukira mugutwi kwibubanfu..
Uwo Philippe nsabimana yaciye yitaba IMANA, za mbonerakure uko ari zibiri zica zifata ca kiziga,zigiterera muruzi rwa kanyaru,rugabura igihugu c’Uburundi n’URWANDA, muntumbero yo kuzimanganya ibimenyetso vyuko aribo bahejeje kumugandagura..
Abanyagihugu babibonye, bafashwe nagashavu,baza biruka ari benshi,baratabaza na polisi..
Izo mbonerakure zagerageje kwiruka ariko abanyagihugu barashoboye kubafata, batanguye kubakubita,kubera amabi bahejeje gukora,,polisi iba irahageze,ica irabankira kwihanira..
Abanyagihugu baciye bihutira gukura ikiziga ca Philippe nsabimana muruzi kanyaru,baca bamutwara mu buruhukiro bw’ivuriro riri hafi ” centre de santé Ryamukona””
Uwo nyakwigendera akaba yarasanzwe avuka kuruwo mutumba wa Ryamukona komine kabarore muntara ya kayanza.
Abanyagihugu bakaba basaba ko ivyo bikorwa bigayitse vyo gukizura, bikorwa nizo mbonerakure vyohagarara vuba na bwango,, ndetse bigakorwa nababifitiye ubumenyi bukwiye polisi…
Barongera bagasaba ko izo mbonerakure bozaka ibigwanisho bama bagendana,,, kuko bama bakoze amabi atandukanye burigihe.
Desire Nkundwa
Rwandatribune.com