Mu ijoro ryo ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 10/05/2024, hari abagizi ba nabi bateye za grenades hagati mu gisagara ca Bujumbura, zikomeretsa abantu begera kuri 40 harimwo abagera kuri batandatu bakomeretse bikomeye.
Bukeye bwaho, atanumunsi urahera, umuvugizi w’Ubushikiranganji bw’Umutekano Pierre Nkurikiye, yaciye atanga ikiganiro kuma radio i Bujumbura, yemeza ko ivyo bitero bikorwa n’umurwi witerabwoba Red tabara, ngo ubifashijwemwo nigihugu kibanyi c’u Rwanda.
Umuhari Red tabara nawo ubicishije kumuvugizi wabo Patrick NDIKUMANA, waciye usohora itangazo ku munsi w’Imana igenekerezo rya 12/05/2024 , urahakana wivuye inyuma ivyavuzwe na Pierre Nkurikiye, anatangazwa ahubwo n’uko haciye hemezwa gihuti huti ababikoze, agashimangira avuga ati ahubwo ivyo vyerekana uruhare ubutegetsi bwa cnddfdd bufise muri ubwo bugizi bwa nabi..arongera agakebura leta ko ahubwo yarakwiye kwihutira gutorera ingorane zihanze abarundi, aho kwihutira kurondera ibidakenewe bisamaza abanyagihugu, kandi bugarijwe nubukene budasanzwe..
Eka nigihugu kibanyi c’ u Rwanda caciye gisohora itangazo ku munsi w’Imana igenekerezo rya 12/05/2024, aho bakebura leta Y’uburundi ko idakwiye gufatanya ingorane zaco n’igihugu c’Urwanda.
Muri iryo kete barasobanura ko badatahura nagato ukuntu leta Y’u Burundi ishobora kubagiriza ibitero vyama grenades bimaze igihe bibera mu gisagara ca Bujumbura,,ati ivyo bitero ntaho bihuriye n’u Rwanda kandi ntanicotuma babikora.. barongera bati” U Burundi burafitaniye ingorane n’u Rwanda, ariko u Rwanda nta ngorane dufitaniye n’u Burundi “, Basozera bahamagarira abarundi gutorera inyishu ibibazo vyabo,bakareka kwama babivanga n’igihugu c’Urwanda…
Amakuru dukesha abakozi b’iperereza bakuru n’inzego za gisirikare na polisi, aremeza ko ivyo bitero vyateguwe n’urwego rw’iperereza, ndetse n’ubutegetsi bw’Igihugu c’u Burundi bubizi.
Ivyo navyo ngo bikaba vyateguwe mu ntumbero yo gusamaza abarundi kugira babibagize ibibazo bibahanze, bashizwemwo n’ubutegetsi bwa cnddfdd, inzara ivuza ubuhuha mu gihugu, harangwa ibura ry’igitoro, umuriro, ibinyowa vya Brarudi, isukari, amazi, amabarabara makuru makuru ageze aho umwansi ashaka, ibiciro vyaraduze kurugero rudasanzwe eka n’ibindi vyinshi vya nkenegwa bitakiboneka.
Amakuru dukesha abo bakozi biperereza batashatse ko amazina yabo amenyekana baremeza ko nabo bategetsi bo mwiperereza batabihurijeko neza ivyo gutera za grenade, ngo ari nayo mpamvu ivyo bitero vyabereye mu gace kamwe,, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano aca yihutira kuvuga ababikoze.
Mwomenya ko integuro yariyo gutera za grenade mumiji itandukanye mugihugu cose c’Uburundi,baheze bagire ubwoba basamare,leta nayo ice itangura kurondera abo ivyagiriza na cane cane abahunze igihugu c’Uburundi nka Pacifique NININAHAZWE n’abandi, Uwo na we mukaba muzi ko yirirwa atabariza abarundi benshi binzirakarengane.
Kumvo zuko ico gitero kitagenze nkuko babishaka,, biravugwa ko hoba hari icuka kibi mu nzego z’iperereza, eka ngo nivyo Pierre Nkurikiye yihutiye gutangaza batavyumvikanako.
Désiré nkundwa
Rwandatribune.com