Hari umugabo yitwa Brice Irakoze, yaratashe mu rugo iwe ku mugoroba wo ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 15/05/2024 , avuye ku bitaro kuraba ikibondo ciwe cavutse, ageze mu nzira,aca agandagurwa bunyamaswa n’abantu babagizi ba nabi bataramenyekana.
Umuryango wa Brice Irakoze wazindukiye mu gahinda kadasanzwe ku munsi w’ejo igenekerezo rya 16/05/2024, aho bazinduka bumva inkuru mbi, yuwabo Brice Irakoze yatowe ikiziga mu muserege ahitwa avenue gishurushuru muri karitiye Carama komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.
Ababonye ikiziga batumenyesha ko vyaboneka ko yishwe ugwagashinyaguro acumiswe imbugita nyinshi, imodoka yiwe yo mubwoko bwa RAV4 C3372A iri iruhande yiwe, biboneka ko yategerewe n’abantu atashe bamukura mumodoka,baramwica, baca bamujugunya mu muserege w’amazi.
Brice Irakoze, yagandaguwe bunyamaswa, avuye kubitaro kuraba umukenyezi wiwe aho yari ahejeje kwibaruka ikibondo, akaba yaratashe murugo afise umunezero udasanzwe w’ingabire y’ikibondo yarahejeje kuronka… ariko abansi biwe ntibamukundiye ko uwo munezero awumarana akanya,, kuko baciye bamwica ugwagashinyaguro.
Mu Burundi ubwicanyi ndengakamere bwasubiriye kwisasira indava mugihugu cose,, abenshi bavuga ko ubwo bwicanyi bukorwa ahanini n’imbonerakure kuko arizo zikizura minsi yose ijoro numurango mu gihugu cose..
Brice irakoze akaba apfuye asize umukenyezi n’abana babiri…
Abarundi barasaba ko ubwo bw’icanyi ndengakamere bwisasiye indava mu Burundi bwohagarara,, kuko amazi yamaze kurenga inkombe.
NKUNDWA Desire
Rwandatribune.com