Hari umugwi w’abagwanyi ba FDLR, wakoze ihonyabwoko ry’abatutsi mu gihugu c’Urwanda mu 1994, uca uhungira mu gihugu ca Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo (RDC), waraye ushitse i Burundi, wakirwa n’abasirikare ku munsi w’ejo igenekerezo rya 06/02/2024.
Abo ba FDLR, bari bamaze iminsi muri Kivu yamajepfo, kugwanya umuhari Red tabara, na FNL irongowe na Colonel Nzabampema , bafatanije n’igisirikare c’Uburundi hamwe n’imbonerakure.
Bitegekanijwe ko bazoca begeranirizwa hamwe n’abandi bagwanyi ba FLN, bagwanya leta y’u RWANDA, bamaze iminsi mu ntara ya Cibitoke mu ishamba rya Commune Bukinanyana.
Abo bose bivugwa ko bazoca bigabura imice, bamwe bakaja mu mashamba y’intara ya Cibitoke yegereye umupaka uburundi buhana n’u RWANDA, abandi nabo bakarungikwa mu ishamba rya NYUNGWE.
Ivyo vyose bikaba bitegurwa mu ntumbero yo kwitegurira intambara hagati y’igihugu c’Uburundi n’URWANDA, nk’uko amakuru atangwa n’abasirikare eka n’abanyagihugu bamaze iminsi bavyumva bivugwa n’indongozi zimwe zimwe.
Abakurikiranira hafi ivyo bikorwa, bavuga ko ari amayeri ya President wa Congo (RDC) n’uw’Uburundi, bateguye, mu ntumbero yo kugira habe intambara muri kano karere k’ibiyaga bigari.
Ivyo vyose bakaba babitegwa n’uko intambara yo muri Kivu yamajepfo muri RDC yo kugwanya umuhari M23 yabataye kuw’amazi (yabananiye).
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com