Abasirikare bamwe bamwe b’abarundi barungitswe muri Congo (RDC) basigaye biyemerera ko bitwa nabo ba wazalendo. Bati ” Ndi Muzalendo: Je suis Muzalendo “.
Ivyo vyose bamwe babikora kugira bashimishe ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye président w’u Burundi hamwe na President wa RDC Antoine Félix tshisekedi Tshilombo.
Akarorero ka hafi, nakuwu musirikare wo kugwego rwa ofisiye liyetena koloneli Ezéchiel Ntivyishimirwa, yaraye avyemangiye munama kumugaragaro, yagiranye naba wazalendo muri Kivu y’amajepfo (Sud Kivu).
Mukanamenya ko uwo Liyetena Koloneli Ezéchiel Ntivyishimirwa, ari nawe arongoye abasirikare b’abarundi bo muri batayo yagatatu TAFOC (3ème bataillon TAFOC) ibarizwa muri Kivu yamajepfo muri RDC.
Bivugwa ko benshi murabo basirikare, basigaye babikora kubera ubwoba bwo kugiriwa n’abi na leta y’uburundi, nkuko bamwe muri bagenzi bishwe, abandi bafungiwe mubusho butandukanye bw’igihugu.
Hakaba hari n’abandi basirikare mirongo itatu nabane (34 militaires Burundais), batahanywe itarike 10/02/2024 bakuwe muri Kivu y’amajaruguru, bahogwa ko banse kugwanya M23. Ubu bose bakaba bariko bahohotererwa mu gasho kintara ya Ruyigi.
Abandi basirikare benshi bagatinya ibombora bombora, rimaze iminsi mugisirikare c’u Burundi; aho haherutse no kuba nimpunduka mundongozi zimwe zimwe, harimwo nuwarajejwe igendereza mu gisirikare.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com