Ni agakoko kagendana ubumara bwica mumwanya muto kandi butavurwa, aho umuryango wose warahonye wishwe n’ubumara bw’agakoko kitwa “akaburuburu” canke “Icugu” I Kalemi muri Congo
Abantu bo mumuryango umwe barapfuye i Kalemi muri repubulika ya demokarasi ya Congo bariye inrya zagiyemwo “ubumara” canke “uburozi” bw’agakoko bakunze kwita akaburuburu canke icugu. Hari n’abandi bagatazira ngo ni ka “marie-josée” abandi ka “béatrice”
Ako gakoko gakunze kenshi kuba kari mumazu y’abantu haba muri salon canke m’uvyumba kariko gahiga imibu. Imibu niyo gakunze kwihereza nk’inrya yako.
Ako gakoko rero ngo gafise ubumara budasanzwe twokwita uburozi butavurwa. Muri iyi ndwi iheze I Kalemi muri Congo abantu 5 bo mumuryango umwe barapfuye bariye imboga batetse zica zirwamwo ako gakoko. Hari n’igihe ako gakokoko gasoba muvyo kurya, mumazi, mumata, eka mubiryo ivyarivyo vyose umuntu ashobora kwihereza. Umuntu abirye canka abinyoye ntakibuza arapfa mumwanya muto, na cane cane ko isumu canke ubumara biva muri ako gakoko ata muti wavyo uhari.
Nuko rero muriyubara ako gakoko aho mukabonye hose mupfundikire neza ivyo kurya mwihereza canke ibinyobwa nk’amazi, amata n’ibindi.
Fréddy NKURUNZIZA