Mu Burundi, umunywanyi w’umugambwe CNL, yitwa NZOTUNGWANIMANA Diomede, avuka ku mutumba Gasarara, zone Nyabibondo Komine Nyabiraba intara ya Bujumbura Rural, yarafashwe, ajanwa gufungwa ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 02/02/2024 mumasaha ya sacenda n’igice (15h30mn); n’abapolisi nimbonerakure, bakaba bamufatiye ku kazi kiwe ka minsi yose.
Diomede NZOTUNGWANIMANA akaba ari mu ndongozi z’umugambwe CNL, muriyo komine Nyabiraba, akaba ari no munama mpanuzwa jambo yiyo komine aserukira CNL.
Uwo mugambwe CNL ukaba urongowe n’umushingamateka Agathon Rwasa ku rwego rw’igihugu.
Ubutegetsi bukaba bufata uwo mugambwe CNL, nkuwugwanya indongozi z’igihugu c’Uburundi.
Diomede NZOTUNGWANIMANA bakaba bamufatiye ku kazi aho yigisha kuri lycée communal Nshingamano,atwarwa akabitwa nkizoka, aboshe, aboroga, bakaba baciye bamujana mwiperereza mugisagara ca Bujumbura, kumufungirayo no kumuhohotera.
Abiwe babona ko iryo fatwa ryiwe, riri murukurikirane leta y’uburundi numugambwe Cndd FDD bihaye vyo gutoteza uwo wese adashigikiye ubutegetsi bwa Cndd FDD.
Umuryango wiwe, ukaba utabaza abishoboye bose ko bobafasha kugira uwabo arekurwe, ntabandanye guhohoterwa, canke ngo yicwe nkuko bisanzwe bimenyerewe ahubwo bamusubize kumirimo yiwe.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com