Umutekano urushirijeho gucungerwa kuri Radiyo na Televiziyo vya reta kuva kuri uno wa gatanu. Ivyo bikaba vyaratangaje abakozi baho kuko batari babimenyereye kandi batamenye n’igituma vyakozwe. Abasirikare barongerejwe muri ico kibanza,ama bariyeri acunzwe n’abo mwikambi ijejwe gucungera inzego, hamwe n’imbwa z’igipolisi, ivyo vyose biri muvyateye amakenga abakozi n’abandi batari bake.
Nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru SOS médias Burundi abakozi ba RTNB baragize ingorane kuri uno wa gatanu zo kwinjira mubigo vya radiyo na televiziyo aho basanzwe baranguriara imirimo yabo.
Bamwe mubakozi baganiriye na SOS medias bavuze ko bahagarikwa kenshi kuma bariyeri, kandi bakabanza kwerekana ikarata itanga uburenganzira bwo kwinjira mubigo vya RTNB.
Vyongeye, ntamodoka n’imwe yaba iya RTNB canke iyindi yo hanze yinjira idasatswe n’imbwa z’igipolisi.
“Ivyo turiko turabona ntibisanzwe”, uko niko uwundi mukozi yabwiye SOS medias Burundi.
Intwazangabo yo mubajejwe gucungera inzego yamenyesheje ko ari imyimenyerezo isanzwe bariko baragisha imbwa z’igipolisi ziherutse kuvanwa muri Afrika y’Epfo. Ariko ntiyahakanye ko umutekano warushirijeho gucungerwa kuri RTNB, naho nyene atazindi nsiguro yatanze.
Ayandi makuru ava mubajejwe umutekano akavuga ko inyuma y’igitero cakozwe n’umuhari Red-Tabara I Buringa muri komine Gihanga intara ya Bubanza, batinya ko no kuri Radiyo na Televiziyo vy’igihugu hashobora guterwa.
“ Hariho amakuru avugako hariho umurwi w’abarwanyi ushobora kugira ibitero kubutaka bw’uburundi umwanya uwariwo wose. Uwo muhari urongowe n’umu hutu akaba arikumwe n’abatari bake mubarwanyi muri repubulika ya demokarasi ya Congo. Mugihe rero hari ibimenyesto sindamusiga kandi abantu batekewe n’ubwoba, birumvikana ko umukuru w’igihugu n’abamufasha baba maso” uko niko umwe mubabikurikiranira hafi yabwiye SOS medias Burundi.
Ivyo rero vyabaye ejo kumusi wa gatanu kuri radiyo na televiziyo vy’uburundi “RTNB” na cane cane kwongereza abajejwe umutekano no gusaka uwo wese yinjiyeyo, vyanatumye hari abi baza ko hoba hiketswe itembagazwa ry’ubutegetsi, mugihe aho kw’iradiyo ariho hakarirwa gukinirwa uyo mukino.
Freddy NKURUNZIZA