Hari umurwi w’abantu baherutse gushika mu matongo y’abanyagihugu ku mitumba ibiri ariyo Muzumuri na Rutoke ya Zone Minyare. Ayo matongo ari mu myonga aho abanyagihugu bahora barima ibiterwa bitandukanye nk’imiceri, ibiharage n’ibindi.
Abo bantu bashikiye mur’ayo matongo, baca batangura kwimba ubutare batagishije inama abanyagihugu, bene amatongo. Abanyagihugu bamaze kubibona, baragerageje kubaza kugira bamenye vyinshi kur’abo bantu bariko bimbagura amatongo yabo, ariko nta muco bararonka, kiretse ko bamwe banaterwa ubwoba.
Abanyagihugu babajije abo bimba ubutare, baca babereka isanamu (photo) y’umukuru w’igihugu Evalisto NDAYISHIMIYE, bakavuga ko ari we yabatumye kwimba ubwo butare.
Abanyagihugu bagerageje kubaza ababarongoye guhera kuri chef de Zone, babwirwa ko nabo batazi vyinshi kur’abo bantu, hari n’abanyagihugu baterwa ubwoba mukubwirwa ko batosubira kubaza cane ivy’abo bantu bimba ubutare.
Ivyo bigatera amakenga abanyagihugu mukwibaza ukuntu abantu nk’abo bokwiyadukiza kwimba ubutare, abatware nka Chef de Zone, Musitanteri na Buramatari batabiziko ikintu.
Aho bigeze, abanyagihugu bari mu kababaro kenshi, biyamiriza abo bariko bimba ubutare kuko bariko bonona amatongo yabo yahora abatunze, ikigeretseko abo bimba ubutare basiga ibinogo bitazibiye, ibishobora guteza amasanganya ku buzima bw’abanyagihugu.
Abo banyagihugu kandi basaba umuco kur’abo bantu bimba ubutare, bagasaba ko nimba koko batumwe n’umukuru w’igihugu nk’uko bavyivugira, boheza bagahabwa imizibukiro kur’ayo matongo kuko aho himbwa ubutare ari ho baziga uburaro n’uburamuko, ubona ko ari ho barima ibiterwa mbumbarugo bibafasha mu miryango yabo.
Emmanuel NDAYIZIGIYE
Rwandatribune.com