Abacamanza babiri bakorera muri Sentare nkuru y’intara ya Rumonge baraye mugasho bagirizwa kurya ruswa.
Biregeya Richard hamwe na Niyongendako Cassilde bompi ari abacamanza bo muri Sentare nkuru ya Rumonge bahagaritswe kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 16 ukwezi kwa 10 umwaka wa 2023 ku mutahe w’Umushikirizamanza wa Sentare y’iyungururizo ya Bururi.
Abo bacamanza bagirizwa kurya igiturire, bakaba baraye ijoro ryabo rya mbere mw’ibohero rikuru rya Bururi.
Abo bacamanza bo muntara ya Bururi bakaba baje biyongera kubandi bacamanza bahagaritswe bagafungwa, kumurwa mukuru wa politike Gitega no mugisagara ca Bujumbura, umurwa mukuru w’ubutunzi.
Kuva mukwezi kw’9 guheze, abacamanza barenga cumi bakaba bamaze gutabwa muri yombi. Muvyo bagirizwa muri rusangi hakaba harimwo kurya ruswa.
Freddy NKURUNZIZA