Mu gihe u Burundi bumaze igihe bw’ibasiwe n’ibiza bitandukanye mu bice vyinshi vy’igihugu, ivyo navyo bikaba vyashize ubuzima bw’Abarundi benshi mu kaga kadasanzwe, umugambwe CNDD-FDD wowo na leta ntaco bibatwaye nagato, ahubwo babandanya gutegura no gukora inama z’umugambwe mu gihugu.
Aha twovuga nkabanyagihugu bahuye n’ibiza vyimyuzurire y’amazi bagera ku bihumbi 400.000 benshi muri bo bugarijwe n’inzara, ntibagira Aho bakika umusaya, cane cane abo mu bice vya komine Mutimbuzi, mugisagara ca Bujumbura, Komine Kabezi hamwe nabo mu ntara ya Rumonge.
Kuva bashikirwa nivyo biza, leta ya Evariste ndayishimiye, ikaba atakajambo k’ihumure irababwira eka akaba atanakimwe kijanye n’ubufasha iranabaha..
Abanyagihugu bo mu Gatumba bari babwiwe ko bagiye kwimurirwa muri Komine Mubimbi na Kabezi Intara ya Bujumbura rural, ariko navyo basanze ari amajambo gusa, kuko atanakimwe cigeze gitegurwa muri izo Komine cerekana ko bagiye kwimurirwa murizo komine…
Hari n’abandi banyagihugu bo muri Komine muhuta intara ya Rumonge, bagera ku bihumbi bibiri na majana atanu (2500 personnes) baheruka guhura n’ibiza ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 19/04/2024 , umusozi urururuka, usenyura amazu yabo n’izindi nyubako nyinshi, abo nabo gushika iyi saha, bakaba batagira icepfo nicaruguru, kuko atakintu na kimwe bagifise muvyo bari batunze eka badafise naho bakika umusaya…
Ikibabaje cane gusumba, abo banyagihugu bahuye nivyo biza, ubu bari mukangaratete, n’uko leta y’Uburundi atajambo na rimwe ry’ihumure yigeze ibashikiriza, kandi hari n’abantu bapfuye kubera ivyo biza, igitangaje n’uko iyo hagize abanyagihugu bo mu bindi bihugu bapfa bitunguranye, leta y’Uburundi yama yihutira gusohora amatangazo yo guhumuriza ababuze no guhoza ibihugu vyagize ivyago.. ariko mu gihugu ciwe ibiba vyose bikaba nk’akamizwe n’ingoma..
Abo banyagihugu bati, leta y’Uburundi ntikunda abo irongoye, ahubwo yibereye muvyo gutegura amatora yimirije 2025 be n’umugambwe cnddfdd..
Bati:” Akarorero nako kuva ku munsi wambere ejo igenekerezo rya 22/04/2024 gushika itarike 23/04/2024, leta y’Uburundi ifatanije n’umugambwe cnddfdd bibereye muvyabo, mu makoraniro ari kubera mu ntara ya Ngozi komine Mwumba, aho ngo bariko biga imbona ya kazoza kigihugu c’Uburundi mu mwaka wa 2040 na 2060,,, mu gihe abarundi bahuye n’ibiza bari mukangaratete, inzara ivuza ubuhuha muri bo, abana amashure barahevye, ntibagira Aho bakika umusaya, hama ngo leta y’ Uburundi na cnddfdd bariko bategura, biga imigambi y’iterambere y’igihugu.
Barongera bakavuga bati, amabarabara makuru makuru nka yose yarabomotse ikitavuzwe coco niduga ry’ibiciro vy’ibintu mu gihugu eka Abarundi bugarijwe n’ubukene bukabije..
Abarundi benshi basigaye biyumvira ko leta ya Evariste ndayishimiye n’umugambwe CNDD-FDD , boba banezerezwa nuko abarundi bicwa banyuruzwa, abandi bagahitanwa n’ibiza bagapfa,, abandi bakaguma bibera mu bukene bukabije…
Bati ni akamaramaza kumva Président Evariste Ndayishimiye yirirwa aririmba kuma Radio naza Télévision ngo Abarundi bafise umunezero udasanzwe eka ngo babayeho neza cane, kandi Abarundi bugarijwe n’ubukene bukabije ubwicanyi ndengakamere, inzara ivuza ubuhuha mu miryango yabo ikitavuzwe coco niduga ry’ibiciro vy’ibintu….
Bati: “Harakwiye ikintu coza gutabara Abarundi n’Uburundi, kuko caguye mumanga idasanzwe kubera intwaro mbi ya Cnddfdd
Rwandatribune.com