Haheze iminsi Abaroberi ba FLN,baturuka mugihugu kibanyi c’Urwanda,baba mukibira mumisozi ya gafumbegeti,rutorero, zone butahana komine mabayi muntara ya Cibitoke,batera ubwoba abanyagihugu baba hafi yabo.
Abo baroberi ba FLN baturuka mugihugu kibanyi c’Urwanda,banasize bakoze génocide yokorewe abatutsi 1994,, bamaze igihe kinini baba mukibira muntara ya Cibitoke, basigaye bihaye intumbero yo kwaka abanyagihugu kunguvu infungurwa be namafaranga.
Abo baroberi ba FLN mugutoza izo fungurwa namafaranga,baranatera ubwoba abanyagihugu,, eka hari nabamaze guhunga ivyo bice berekeza muzindi komine zintara ya Cibitoke, muntumbero yo gukiza ubuzima bwabo.
Abanyagihugu bakaba bemeza ko abo ba FLN, babikora bizwi ninzego z’umutekano be n’indongozi zimwe zimwe,kuko ivyo bikorwa babikora kumugaragaro minsi yose..
Ababa hafi yico kibira bavuga ko haheze indwi irenga abo baroberi ba FLN, birirwa batoza izo fungurwa namafaranga mubanyagihugu kunguvu,uwugomvye kugorana,araheza agakubitwa buyoka nabo baroberi..
Amakuru atangwa nabamwe, bivugwa ko abo baroberi ba FLN, bamaze igihe kinini bugarijwe n’ubukene n’inzara idasanzwe,kuko bahora bagemurirwa nigisirikare c’Uburundi,ariko naco muriyi minsi kikaba cugarijwe n’ubukene budasanzwe,,arinaho baca bareka ngo abo ba FLN bitoreze ivyo bafungura mubanyagihugu.
Abo baroberi ba FLN,birirwa banatembera baja no muri RDC kumugaragaro, bivugwa ko boba bariko bitegurira kuzogira ibitero ku gihugu kibanyi c’Urwanda, bakoresheje ubutaka bw’uburundi.
Abanyagihugu ba komine mabayi begereye ikibira,basaba indongozi be nabajejwe umutekano,ko bokura abo ba FLN murutwo duce, kuko bariko bahungabanya umutekano wabo bakongera bakanabasahura utwabo,, kandi basanzwe bibereye mubukene budasanzwe
Désiré nkundwa.
NKUNDWA Desire
Rwandatribune.com