Hari Abarundi barenga ijana (100 burundais) bagizwe ahanini n’abanywanyi b’Umugambwe CNL, bayoboka Agathon Rwasa, bahunze u bBurundi berekeza muri Tanzaniya.
Muri abo tumaze kumenya bahunze, benshi bava mu Ntara za Makamba, Gitega na Ruyigi, bakaba bavuga ko bahunze kubera umutekano muke bafise, kuko bamaze igihe bagirwa ko iterabwoba ridasanzwe n’imbonerakure be n’indongozi, ko batavuye inyuma ya Rwasa Agathon, bazokwicwa..
Izo mpunzi z’Abarundi zikaba zigizwe n’imiryango mirongo ibiri nitatu, ahanini igizwe n’abana n’abagore,, abenshi bakaba batanguye gushika ku butaka bw’Igihugu ca Tanzaniya ku munsi w’Imana igenekerezo rya 24/03/2024.
Abo Barundi Bahungiye muri Tanzaniya, baragerageje kuja gusaba aho bakika umusaya mu nkambi ya Nyarugusu ariko ntibakiriwe, ahubwo barirukanywe n’indongozi ziyo kambi.
Izo mpunzi zikaba zageze muri ico gihugu kibanyi ca Tanzaniya zimerewe nabi kubera urugendo rurerure, abana babo baguma barira kubera inzara n’uburuhe, eka bakaba baranaraye ijoro ryose mw’Ishamba imbere y’uko bagana i kambi ya Nyarugusu.
Bagize amahirwe, bahemburwa n’impunzi zo muri Village ya 7 niya 11 kuko bagire bicwe ninyota n’inzara.
Abo Barundi bahunze,bemeza ko umutekano wabo wari abangamiwe ku rugero rudasanzwe ku butaka bw’Igihugu c’UBurundi, bagirwako iterabwoba ku murango na nijoro, eka ngo hari n’ababo bamaze kugandagurwa bunyamaswa n’abandi bahagaritswe bagafungwa ataco bagirizwa..
Abo Barundi bahungiye muri Tanzaniya bamaze iminsi babayeho nabi, kuko icegera c’uwurongoye iyo kambi ya Nyarugusu yanse kubakira, ahubwo abashinyagurira ngo nibasubire iyo bavuye,,,uyo muyobozi yaciye abwira ababa muriyo kambi ko uwuhirahira ngo abahe indaro azohanwa bimwe bidasanzwe.
Abo Barundi bahungiye Tanzaniya baravuga ko badashobora gusubira i Burundi, ahubwo banamenyesha ko n’abandi benshi bari inyuma bahunga igihugu c’ Uburundi kubera gatotezo bakorerwa n’intwaro mbi ya Cnddfdd..
Amakuru twaronse nuko ishirahamwe HCR ryahavuye ryikubita agashi rirabakira, ribatwara mu kigo c’agateganyo cakira impunzi kiri mu Ntara ya Kigoma muri Tanzaniya mu kurindira ibikurikira…
Abo Barundi bagasaba ko bokwakirwa nk’impunzi kuko bahunze kugira bakingira ubuzima bwabo n’imiryango yabo.
Desire NKUNDWA
Rwandatribune.com