Abasirikare b’abarundi baheruka gupfira mu ntambara iheruka kubahuza na M23, muri RDC Kivu yamaja ruguru territoire ya masisi mundwi iheze, batanguye kumenyekana umwidondoro.
Nkuko amakuru dukesha bamwe mu basirikare barokotse, baremeza ko ingabo z’uburundi zariko zitegurira kugira ibitero kuri M23, guhera itarike 15/05/2024,,, ariko M23 ikoresheje ubutasi bwayo,,imenya ayo makuru,,nayo ica irabitanga ibigariko ibitero bikomeye kubirindiro barimwo abo basirikare b’abarundi,bibarwa gitumo,, benshi bahasiga ubuzima, abandi bafatwa mpiri,,batakaza nibikoresho vyinshi cane.
Umwe mu basirikare bakuru bapfiriye muriyo ntambara yabaye kumagenekerezo ya 01-02/05/2024 n’intwazangabo yitwa Capitaine Quentin AHIMBONEYE , yinjiye igisirikare c’Uburundi muri promotion ya 43 afise matricule SS 2426.
Capitaine Quentin AHIMBONEYE akaba avuka kumutumba muyange komine busoni intara ya kirundo,yavutse mumwaka wi 1989.
Capitaine Quentin AHIMBONEYE yarakiri umusore, abavyeyi biwe bose baritavye IMANA,ubu ari nawe yaratunze abo bavukana.
Igitangaje kikanababaza abasirikare babarundi bari muri RDC be n’imiryango yabo, n’uko gushika nubu,haba leta y’uburundi canke ibiro bikuru vya gisirikare ataco bigera babwira ababuze abo.
Umuryango wa Quentin AHIMBONEYE urasaba ushimitse ko leta yokwikubita agashi ikabazanira ikiziga cuwabo, kugira bashobore kumuhambana iteka..
Mwomenya ko haba mubasirikare barokotse izo ntambara muri RDC Kivu yamaja ruguru canke imiryango yabo, yose yugarijwe numubabaro n’agahinda ntangere, nyuma yukumva inkuru mbi,zababo bapfiriye muriyo migwano , igihugu naco kikigumira mugacerere.
Desire Nkundwa
Rwandatribune.com