Abafungirwa mugasho ka komisariya y’igipolisi mugisagara ca Bujumbura bahabonera ayo inkoko yaboneye kumugezi. Uretse ibitigiriri vy’umurengera vy’abahafungirwa batagira dosiye kandi ataho banditse, inzara, imvura n’imbeho hamwe no gufatwa bunyamanswa bibatera umwiheburo ntangere.
Mubisanzwe BSR (Bureau Special de Recherche) si ibohero, ahubwo ni ahantu hategekanijwe gushira umuntu yikekwako icaha, bakamusambisha igihe gito bamukorera dosiye, bagaheza bagaca bihuta kumurungika muri parquet. Babonye hari ibimenyetso vyerekana ko yakoze icaha, baca bamurungika mw’ibohero akarindira kuburana imbere y’abacamanza. Bisigura ko uwufungiwe muri BSR atacaha kiba kiramwagira atari umwikeko.
Ariko rero uko ibintu vyifashe aho muri BSR nuko haheze igihe hapfungiwe abantu bashika 700 bari mu twumba dutandatu dutoduto cane. Mugihe abapfunzwe badakwirwa muri utwo twumba, abenshi barara hanze mu kibuga bakemera kunyagirwa no gukubitwa n’imbeho.
Utwo twumba bafungirwamwo twuzuye imibu n’ibihere ku buryo kurara hanze ariyo mahirwe kurusha kurara mu cumba. Abifise uburyo batanga ruswa ku bapolisi kugira babareke birarire hanze mu kibuga. Abenshi bavuga ko bavuye muri BSR baca bagwara malaria ikomeye kubera iyo mibu.
Nkuko abahapfungiwe babivuga, abapfungwa ntibasiba gupfira muri BSR, ariko uwuhatwara, ariwe Commissaire Jacques Nijimbere, akaba ataco bimubwira. N’ikibi cinshi, Komiseri Jacques Nijimbere arabashinyaguriza ababwira ko bazopfa kamwe kamwe gushika bose bagahera.
Kuri uno wa kabiri itariki 19/9/2023 niho umurwi w’igihugu ujejwe w’igenga ujejwe agateka ka muntu wishikira aho muri BSR, urashobora kurekuza abarenga 300, barimwo abagabo 252, abagore 25, n’abana 23.
Freddy Nkurunziza