Mu Burundi, urwaruka rutari mu mashure rwo muri zone Gatumba Komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura rural,rutegekwa kuja gukora imyimenyerezo ya gisirikare.
Urwo rwaruka barutora ku mitumba yose igize iyo zone kunguvu, batagishijwe inama, eka n’abavyeyi babo ntihagire ikintu na kimwe bamenyeshwa.
Bavuga ko mubo bamaze gutwara ku nguvu kugira iyo myimenyerezo ya gisirikare, hari abazozirangiza igenekerezo rya 09/02/2024.
Hari n’abayabaga batatu bagiye muriyo myimenyerezo ya gisirikare, aribo Didace Nyandwi, Arnaud Ndikuriyo na Franck Bukuru.
Haheze indwi zibiri nigice (deux semaines et demi) abavyeyi babo gushika iyi tarike 8/02/2024 batazi iyambu yiyo abo bana bari, bagerageje no kurondera hose barababura.
Imbonerakure zegereye ubutegetsi, zivuga ko umusore wese atiga, afise inguvu, ari itegeko gukurikirana imyimenyerezo ya gisirikare kgira bazoje muri Congo (RDC) kugwanya umuhari M23 na Red tabara.
Umusore wese azohirahira ntaje muriyo myimenyerezo ya gisirikare azoca afatwa nk’umugizi wa nabi, umwansi w’igihugu, kandi akorana n’imihari y’iterabwoba nka Red tabara, ace afatwa afungwe canke yicwe.
Ivyo bikorwa bigayitse bikaba birongowe numukuru w’imbonerakure ya zone Gatumba yitwa Claude, afatanije niyindi yitwa prime Barakanfitiye be naba polisi bakorera muriyo Zone.
Abo nabo bakaba bama bambaye impuzu za gisirikare bafise nibigwanisho,nkinkoho za grenade nibindi.
Abavyeyi babo bana, baragerageje kwitura musitanteri wiyo Komine Mutimbuzi, ngo ahagarike ivyo bikorwa bigayitse, bishira ubuzima bw’abana babo mukaga kadasanzwe,ariko ntaco yigeze abishura nakimwe.
Abavyeyi b’abo bana bari mumarira n’agahinda gakomeye, kubera iryo hohoterwa ririko rikorerwa abana babo, indongozi z’igihugu c’Uburundi zirorera.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com