Abasirikare 6 bari kukirindiro c’ahitwa mu Ruhagarika muri Komine Buganda intara ya Cibitoke hafi y’uruzi Rusizi rugabura Uburundi na Congo bahagritswe kuva kuva kuwa gatatu w’indwi iheze bagirizwa kurwana n’imbonerakure. Batanu muribo bakaba bafungiwe mugipolisi mu Cibitoke.
Abo basirikare n’abo mw’ikambi y’112 yo mu Cibitoke. Bahagaritswe inyuma yaho bataniye mumitwe n’urwaruka rw’umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD, arirwo Imbonerakure. Hari kw’igenekerezo rya 13/9/2023.
Izo mbonerakure zikaba zari zishoreye inka zirenga 10 zashaka kujabukana muri repubulika ya demokarasi ya Congo ziciye kuruzi Rusizi.
Abasirikare bari kw’izamu kuri urwo ruzi bashatse kubahagarika, ari naho haca haduka amasase. Imbonerakure imwe ikaba yarakomeretse cane, nkuko amakuru ava mu Ruhagarika aho vyabereye abivuga.
Mugisirikare bakavuga ko bagenzi babo bivunye.
“Ni akarwi k’abasuma kagizwe n’Imbonerakure gafasha kwinjiza no gusohora ibidandazwa vya magendo abadandaza, barashe ubwambere abasirikare bacungereye umutekano kunkengera z’uruzi Rusizi”. Uko niko abo basirikare babivuga.
Abatari bake rero bakaba baratangajwe n’ifungwa ry’abo basirikare, mugihe baranguye akazi bajejwe.
Umushikiriza manza muntara ya Cibitoke akavuga ko ari amatahoza ariko arakorwa, mugabo ntazindi nsiguro atanga.
Umwe muri abo basirikare 6 akaba yaratorotse agasho mw’ijoro ryo kuwa gatandatu rishira uwa mungu.
Agasho k’igipolisi muntara ya Cibitoke kakaba gafungiwemwo abantu bashika 170 muburyo bumeze nabi cane, mbere hakaba hari abafungwa babiri bapfuye muri uku kwezi kw’ icenda kubera ukutagira isganirizo no kubura ibifungurwa, nkuko amakuru dukura mu Cibitoke abivuga.
Freddy Nkurunziza