Inyeshamba zitarinke za CNRD-FLN zari zifungiwe mugasho k’igendereza mu Cibitoke zoba zarishwe. Amakuru ava mugipolisi avuga ko kumusi wa gatatu uheze ibiziga vyabo barwanyi vyajanwe gutabwa mukibanza kitamenyekanye, n’imodoka y’igendereza yo mu Cibitoke hamwe n’iyo muntara ya Bubanza yari yaje gufasha muri ico gikorwa
Abo bishwe ni abarwanyi b’umuhari CNRD-FLN bafatiwe mw’ishamba rya Kibira k’uruhande rwa Mabayi muri Cibitoke.
Nk’uko abapolisi babitangaje ngo: “Hari itegeko ryoba ryaratanzwe ryo kwica izo nyeshamba ziherutse gufatwa mumirwano yabahuje n’abasirikare. Intumbero ikaba ari iyo gukingira abategetsi muntwaro no mugisirikare boba bakorana n’izo nyeshamba, kuko zohava zimena ibanga”
Aha rero nkuko bivurwa na SOS Médias Burundi, imiduga y’abatwara igendereza muri Bubanza na Cibitoke akaba ariyo yakoreshejwe mukuzimanganya ibimenyetso vyose.
« Inyeshamba 9, zarajanwe guhambwa ahantu gushika ubu hataramenyekana », bivurwa n’umupolisi ari mubishe izo nyeshamba za CNRD-FLN.
Uwundi mupolisi yasiguye ingene izo nyeshamba iyo zifashwe, zimererwa nabi:
« Guhera mumpera z’ukwezi kwa 8, ifatwa ry’inyeshamba z’abanyarwanda ziri mukibira, ryariyongereye kurugero rudasanzwe, kandi bamwe bapfa kubera ukuborezwa igufa aho baba bafungiwe mw’igendereza ryo mu Cibitoke »., uko niko isoko rya SOS Médias Burundi rishimangira rivuga.
Bamubajije kur’ivyo, Ahmed Nabil Sindayigaya atwara igendereza muntara ya Cibitoke yarabihakanye vyose, avugako ari ibihuha vyeruye.
Nayo kubijanye n’imodoka y’uwujejwe igendereza i Bubanza yari aho mu Cibitoke, Ahmed Nabil Sindayigaya yishuye ko uyo mutegetsi, kuri uyo musi wa 3 itariki 30/8/2023 yari yaje mu Cibitoke kumpamvu zisanzwe z’akazi.
Kuruhande rwiwe, Carême Bizoza, buramatari wa Cibitoke, amenyesha ko hakiriko haraba amatohoza kugirango abakorana bose n’izo nyeshamba bamenyekane, hanyuma bashikirizwe ubutungane.
Ariko rero Carême Bizoza yabwiye abamenyesha makuru ko ivyo vy’inyeshamba za CNRD-FLN biciwe aho bafungiwe mw’igendereza muntara yiwe, atavyo azi.
N’ubwo biri uko, umumenyeshamakuru wa Rwanda Tribune akorera i Mabayi aremezako ayo makuru amaze kuyumva.
Rwanda Tribune yagerageje kurondera colonel Floribert BIYEREKE avugira igisirikare c’uburundi kugirango atange umuco kuri izo nyeshamba za CNRD-FLN zafatiwe mu kibira ca Mabayi, ariko ntitwasboye kumuronka k’umurongo wa telephone.
Freddy NKURUNZIZA