Mu Burundi ibintu bitera biba nabi gusumba, kuko hakomeje kwibonekeza ubwicanyi ndengakamere.
Muri komine Rugombo intara ya Cibitoke, hatowe ikiziga c’umuntu yagandaguwe bunyamaswa igenekerezo rya 01/04/2024.
Uwo muhisi yitwa Nshimirimana Lin, akaba yotowe ikiziga ku mugoroba wo ku munsi wa mbere mu Ruzi rwitwa Nyabagana, ruri muri zone cibitoke.
Ikiziga ca Lin Nshimirimana, naco nyene catowe kiboshe amaguru namaboko, afise ibikomere umubiri wose, bigaragara ko yishwe akubiswe ibintu mumutwe.
Uwo nyakwigendera yarasanzwe ari umukozi wishirahamwe GVC, rikorera muriyo ntara, ahanini riraba impunzi z’abakongomani baba mu nkambi iri murako gace.
Nshimirimana Lin, yarasanzwe afise na butike yubucuruzi, yakoreramwo umukozi, ariko mugihe co kumunsi w’Imana niwe yama yicururiza, umukozi wiwe akamuha akaruhuko.
Niko ku munsi w’Imana igenekerezo rya 31/03/2024 yiriwe acuruza, bugorovye arugara arataha, ariko ntiyashitse iwe muhira, bivugwa ko abamugandaguye bamutegereye mu nzira ariko arataha.
Umugore wiwe, abonye bwije caane, atarashika, yagerageje kumu telefona, ariko telefone zari zizimije, bukeye bazindutse baja kuraba kuri ya butike, basanga irugaye neza, baraheza barayugurura, basanga ntawurimwo.
Baciye batangura kumurondera hose, mu nyuma niko kumutora ikiziga bamwishe, bamujugunya mu ruzi Nyabagana.
Umuryango wiwe urasaba ko hoba amatohoza yimbitse kugira bashobore kumenya ababiciye uwabo, ariko ntacizere bafise, kuko muriyo ntara ya Cibitoke hamaze igihe hatorwa abantu bishwe bunyamaswa n’abantu batigera bamenyekana, bagaca babajugunya mu nzuzi canke mu mashamba.
Uwo muhisi Nshimirimana Lin akaba agandaguwe yarafise imyaka 31, yari yubatse, akaba asize umugore n’umwana umwe.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com