Hari umunyagihugu atamenyekanye umwidondoro wiwe, yatowe yapfuye ku mutumba Kirekura Zone Maramvya Komine Mutimbuzi Intara ya Bujumbura Rural, ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 16/04/2024.
Uwo muhisi akaba yatowe nabanyagihugu bo kuri uwo Mutumba Kirekura bagiye ku mirimo yabo ya minsi yose,, baca batora ikiziga c’umuntu mu gashamba kuri uwo Mutumba Kirekura..
Amakuru dukesha isoko rya Rwandatribune.com riri muri ako gace, ritumenyesha ko amakuru yizewe yahawe nabo banyagihugu batoye ico kiziga, bagerageje kumenya umwirondora wa nyakwigendera, ariko biba ku w’amazi, kuko atabimuranga basanze afise.
Abo banyagihugu bakibaza ko aboba bamwishe baciye bamutwara ibimuranga, kugira bazimanganye amatohoza, kuri ubwo bw’icanyi ndengakamere..
Abanyagihugu baba muri iyo Zone maramvya, bakaba batekewe n’ubwoba bwinshi kubera ubwicanyi ndengakamere bwasasiwe indava n’abategetsi b’igihugu, kuko hasigaye hama hatorwa abantu bishwe bunyamaswa n’abantu, kandi indongozi z’igihugu ntizigere zikora amatohoza yimbitse ngo hafatwe hongere hahanwe izo nkozi zikibi.
Desire NKUNDWA
Rwandatribune.com