Hari umunyagihugu yatowe yapfuye ku munsi wagatandatu igenekerezo rya 20/04/2024 muri komine Rugombo intara ya Cibitoke.
Uwo mushingantahe yagandaguwe bunyamaswa akaba Yitwa HARUSHAMAGARA Bernard, yatowe ikiziga ku Mutumba wa Rukana 2 wa Komine Rugombo Intara ya Cibitoke.
Mwomenya ko abamugandaguye bunyamaswa, nicatumye babikora kitaramenyekana gushika kuri uno wambere igenekerezo rya 22/04/2024.
Imbere y’uko atorwa yapfuye, nyakwigendera yari yavuye muhira iwe ku mugoroba wo ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 19/04/2024 agiye kunwa agacupa mu kabari kari hafi yaho yibere, ashitseyo asangira n’abandi ahasanze,, ariko ntamahirwe yagize ngo asubire gutaha murugo iwe,,kuko Umuryango wiwe wagumye urindiriye kwashika muhira,amaso ahera munzira..
Kumunsi wagatandatu igenekerezo rya 20/04/2024 mugatondo,abiwe baciye bazinduka baja kumurondera,, niho baca bamutora ikiziga kumutumba wa rukana2 ,hafi yaho yariko anwera agacupa..
Abamutoye bakaba bamusanze yuzuye amaraso umubiri wose, afise ibikomere mumutwe no mumaso, bigaragara ko yishwe akubiswe amahiri nibibugita.
Icatangaje benshi be n’umuryango wiwe, nuko indongozi za komine zaciye zitanga itegeko ryuko ahambwa uwo munsi nyene itarike 20/04/2024, atanamatohoza akozwe ngo hamenyekanye abakoze iryo shano. Nyakwigendera akaba yari yubatse urwiwe afise n’abana icenda (9 enfants).
Abanyagihugu bo muriyo ntara ya Cibitoke, barasaba bashimitse ko indongozi, inzego z’umutekano,ko zogerageza zigakingira abanyagihugu umutekano bikwiriye,, kuko ibimaze igihe bibera muriyo ntara beteye ubwoba n’agahinda,aho hasigaye hama hatorwa abantu bishwe bunyamaswa kumunsi kumunsi,,kandi ntihigere hanaba amatohoza yimbitse kugira bashobore kumenya abo bagizi ba nabi,,babangamiye ubuzima bw’abarundi.
Rwandatribune.com