Ku munsi wambere igenekerezo rya 08/04/2024 haratowe umuntu yagandaguwe bunyamaswa muruzi mutwenzi muri komine n’intara ya Gitega. Uwo muhisi akaba yarasanzwe aba kumutumba higiro wa komine nintara ya Gitega.
Nyakwigendera akaba yitwa Ntakarutimana Elie, afise imyaka yamavuko 47(47 ans) mubuzima busanzwe bwiwe bwa minsi yose akaba yari umurimyi.
Abamutoye bavuga ko bamusanze muruwo mwonga mugatondo ko kumunsi wambere igenekerezo rya 08/04/2024, afise ibikomere umubiri wose, bigaragara ko imbere yo kwicwa ugwagashinyaguro,yabanje gukubitwa amahiri nivyuma.
Amakuru dukesha isoko rya Rwanda tribune TV riri murako gace,ryavuganye na Manirakiza Ernest,ari mundongozi zatowe kumutumba higiro, amenyesha ko gushika ubu bataramenya icatumye Elie Ntakarutimana agandagurwa bunyamaswa..
Mwomenya ko iyo komine ya Gitega isigaye yabaye ikirimbiro ryubwicanyi ndengakamere, kuko hasigaye hama hatorwa abantu bishwe bunyamaswa n’abantu batazwi burigihe..
Kuko hari nuwundi muntu yaheruka kwicwa, atorwa murwo ruzi nyene mutwenzi, kumunsi wagatandatu iginerekerezo rya 06/04/2024 yitwa philimin Ntimpirangeza w’imyaka 72 (72ans).
Abanyagihugu biyo komine Gitega barasaba ko leta y’uburundi yohagarika ubwo bw’icanyi ndengakamere bwabaye ndanse murako gace.
Desire NKUNDWA
Rwandatribune.com