Mu gihugu c’Uburundi habandanya kwibonekeza ubwicanyi ndengakamere, kandi ntihagire n’amatohoza yigera aba.
Hari ikiziga c’umuntu w’umugabo, catowe mu gatondo k’ejo ku munsi wakane igenekerezo rya 25/04/2024 muri zone Cibitoke mu Gisagara ca Bujumbura.
Umwidondora w’uyo yishwe bunyamaswa ukaba utashoboye kumenyekana kuko basanze atakimuranga na kimwe afise eka nabamwishe batigeze bamenyekana.
Uwurongoye Zone Cibitoke Pascaline Ingrid Ijembere akaba yemeza iyo nkuru, ko hari ikiziga catowe muri Zone arongoye kandi bataramenya nicatumye agandagurwa bunyamaswa.
Muri kino gihe hasigaye hama hatorwa abantu bishwe bunyamaswa n’abantu babagizi ba nabi, eka ntihagire n’amatohoza yigera aba ngo hatangwe umuco kuvyabaye..
Abarundi benshi bati: “Leta ntabushake bwo gukora amatohoza yimbitse kuri ubwo bw’icanyi ndengakamere ifise”.
Bati: “Ahubwo dusigaye twibaza ko Leta yoba ifisemwo uruhara kuri iryo gandagurwa ry’abantu agasakisaki”.
NKUNDWA Desire
Rwandatribune.com