Hari umunyagihugu wo mu Ntara ya Ruyigi ku Mutumba Musenga, yanyurujwe n’abakozi biperereza ku munsi wambere igenekerezo rya 15/04/2014 igihe cisaha cumi z’umurango (16h).
Uwo munyagihugu akaba Yitwa Nduhiye Vital, akaba yabanje kwitaba Telefone y’umuntu atamenye umwidondora, amubwira ngo bahurire kuri Parking ya Rumuri yo mu Ntara, amubwira ko agire amurangire akazi, ko tuma atunga Umuryango wiwe neza.
Uwo nawe Vital, kuko yarasanzwe mugashomeri kamaze igihe kinini, yavuye muhira yihuta, asiga abwiye Umuryango wiwe ko agiye kubonana n’umuntu agire amurangire akazi, maze bashobore kubaho mu buzima bwiza..
Ariko ico yari yiteze sico yabonye, kuko ageze kuriyo Parking yaciye afatwa nabo bakozi biperereza, bamutwara ahantu gushika n’ubu famille yiwe itaramenya..
Abiwabo bagerageje kumurondera kuri téléphone yiwe, ariko baguma basanga izimije, bagerageza no kumurondera mu busho butandukanye baramubura.
Umuryango wiwe urasaba ko uwabo atogirirwa nabi, kuko ataco azira, ariko bafise ubwoba bwinshi n’amakenga ku wabo ashobora kugandagurwa bunyamaswa nkuko bimaze iminsi bikorerwa Abarundi benshi bafashwe muri ubwo buryo
Desire NKUNDWA
Rwandatribune.com