Muri komine mutimbuzi intara ya Bujumbura rural,hamaze iminsi hatangwa ibigwanisho nibindi ku mbonerakure zo murako gace. Ivyo bigwanisho bakaba babihabwa na bamwe mu ndongozi za komine mutimbuzi bafatanije nigipolisi nigisirikare.
Amakuru dukesha isoko rya Rwanda tribune, rikura murizo mbonerakure,aremeza ko ivyo bigwanisho bahabwa,arivyo guhiga no guhasha uwo wese atemera, atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa cnddfdd.
Imbonerakure zatanguye guhabwa ibigwanisho nizo muri zone Maramvya ya komine mutimbuzi.
Abamaze kumenyekana bahawe ibigwanisho naba bakurikira :
Didace nyandwi
-Nunu Alain
-Nduwayo Jules
-Alexis
-Makado
-Ndori et Bambara Didier.
Izo mbonerakure zikaba zimaze guhabwa ibigwanisho vyo mu bwoko bwa kalashi,amasasu,za grenade eka ubu bakaba bazitemberana kumugaragaro bamwe muribo bambaye impuzu za polisi na gisirikare.
Abo bose bakaba bakorana n’indongozi zabo cane cane uwitwa Étienne bazompora be na musitanteri wa komine mutimbuzi Siméon butoyi.
Abanyagihugu ba komine mutimbuzi, bakaba bafise ubwoba namakenga menshi, kuko izo mbonerakure zivugira kumugaragaro ko zaronkejwe inkoho muntumbero yo kw’itegurira guhasha uwo wese atemera ubutegetsi bwa cnddfdd,.
Izo mbonerakure ziremeza ko zifise amakuru yizewe ko iryo tangwa ry’ibigwanisho,rizokorwa mu gihugu cose muntumbero yo gushira mungiro umugambi wo kurwanya uwo wese atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa cnddfdd, kugira bazoje mumatora yimirije,,, cnddfdd yirebanga kurubuga rwa politique,.
Izo mbonerakure zibwira Abanyagihugu ko zahawe nuburenganzira bwo kwica uwo wese bazobona abangamiye umugambwe cnddfdd..
Abanyagihugu bakaba basaba ko ivyo bintu vyohagarara vuba na bwango kuko bigiye kongera ikibi mukindi,mukubandanya bishira mukaga kadasanzwe Ubuzima bw’abarundi
Desire NKUNDWA
Rwandatribune.com