Mu gisagara ca Bujumbura muri Quartier Mutanga Sud, hamaze iminsi hibonekeza ubusuma bukabije bukorwa n’abantu bitwaje imipanga mu masaha y’ijoro.
Abo basuma binjira mu gipangu bakadodora, iyo utevye kwugurura baca babomora inzu, imiryango amadirisha, bakinjira mu nzu ku nguvu, bagaheza bakinjira no muvyumba.
Iyo barinze babomora bakinjira, baraheza bagashika batemagura abantu bose basanze mu nzu, bakoresheje iyo mipanga bagendana.
Hakaba hari n’umuryango vyashikiye, uratemagurwa wose, ubu abo bakorewe ayo mahano bakaba bariko bitabwaho n’abaganga mu bitaro biri mu gisagara ca Bujumbura…
Mwomenya ko murako gace ka mutanga sud, mukiringo c’indwi imwe gusa, hamaze kwibwa ingo zirenga umunani,hamwe nabantu batanu bategerwe munzira mw’ijoro ryigenekerezo 21/04/2024 barasahurwa utwabo twose.
Abo bagizi ba nabi, bagenda bitwaje imipanga,,iyo binjiye mumazu,basahura ivyo vyose bahasanze,za télévision, frigo, radio, amafaranga eka ikintu cose gifise akamaro bahasanze..
Iyo bahejeje kwiba baca bigendera atankomanzi, bakinjira muruzi ntahangwa, akaba ariyo banyikira,,,eka ntanuwubahuka kubakurikira..
Abanyagihugu baba mutanga sud, bakaba batekewe n’ubwoba bwinshi, kubera ubwo busuma bukabije bukorwa n’abantu bitwaje imipanga bubageramiye..
Ikindi nuko hanamaze iminsi havugwa itangwa ry’imipanga kumisoresore y’imbonerakure mugihugu cose hamwe niyinjizwa ryiyo mipanga iguriwe mubihugu vyo hanze..
Abo banyagihugu bakaba basaba leta y’uburundi ko yohagarika ubwo bugizi bwa nabi,vuba na bwango,amazi atararenga inkombe.
Desire NKUNDWA
Rwandatribune.com