Ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 27/ 03/2 024 haratowe umuntu yapfuye yajugunywe mu kazu k’ubwiherero. Uwo muhisi akaba yari umugabo yitwa Apollinaire nduwimana avuka muri zone kibimba komine Gitega intara ya Gitega ku murwa mukuru w’igihugu c’u Burundi.
Apollinaire Nduwimana, akaba yakora akazi ko kwigisha urwaruka kuri Ecofo Bukingi ya zone kibimba.
Uwo muhisi ngo yatanguye kuburirwa irengero kumunsi wambere igenekerezo rya 25/03/2024, niho umuryango wiwe watangura kugira uwabo, utangura kumurondera hirya no hino.
Niko kumutora haheze iminsi ibiri yapfuye bamutaye mukazu k’ubwiherero ko ku mutumba busangana yononekaye ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 27/ 03/2024.
Amakuru dukesha isoko rya Rwandatribune TV riri murako karere ritumenyesha ko abamwishe babanje kumuhohotera, nkuko vyagaragara ku mubiri, nyuma bakamujugunya mukazu kubwiherero (toilette) kari impande yishengero yabumunsi windwi riri kumutumba Busangana.
Abanyagihugu bakaba batekewe n’ubwoba bwinshi kubera ubwicanyi ndengakamere busigaye bwibonekeza buri munsi mubice bitandukanye vyigihugu, kandi ntihagire namatohoza yigera akorwa kuvyabaye.
Umuryango wa Apollinaire Nduwimana urasaba ko hoba amatohoza yimbitse, kuriryo nyuruzwa ryakurikiwe niyicwa Rubozo ry’uwabo.
Mwomenya ko ubu uwo muryango uriko ugirwako iterabwoba ridasanzwe n’imbonerakure zo murako gace, aho zibabwira ko uwuzohirahira akaguma akurikirana Urupfu rwa Apollinaire, nawe bazomugira nkuko bagize Apollinaire.
Ivyo vyose babikorerwa kuma téléphone n’abantu batazi.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com