Uwurongoye umugambwe MRC akaba n’umwigisha muri kaminuza Juvénal Ngorwanubusa avuga ko ibibazo vy’ubutunzi uburundi burimwo vyatumwe nuko infashanyo zabuze naho Leta y’uburundi yahora ivuga ko ata nfashanyo bakeneye.
Ngorwanubusa asaba Leta y’u Burundi gutunganya ibiganiro bidakumira kugira hatorwe umuti w’ibibazo bihanze igihugu, ibi yabishikirije kuri Radiyo Isanganiro inyuma yaho habereye ibitero vyama grenade mu Gisagara ca Bujumbura bigakomeretsa abatari bake.
Uwo arongoye umugambwe MRC agira ati:«Kera amahera u Burundi bwakoresha, igice cayo cava mu nfashanyo hama mukanya gatoya birahava natwe turiremarema ngo turikwije burya ntitwikwije na gatoya, rero ibibazo vyose vy’ubutunzi bihanze uburundi ni kubera ata mafranga y’agaciro.
Ibitoro ntizogurwa n’amarundi, umwambiro w’ibinyobwa vya Brarudi ntibizogurwa mu marundi, izo nfashanyo rero zikwiye kugaruka ariko kugira zigaruke hakwikiye ibiganiro vyojamwe abarundi bose bafise ico boterera kugira ibibazo Bihari bitorerwe umuti.»
Juvénal Ngorwanubusa avuga ko kandi ibibazo vy’umutekano bimaze imisi vyibonekeza mu gihugu naho nyene hakwiye ibiganiro nkuko ibiganiro vy’Arusha vyabaye vyatumye habaho amasezerano yo guhagarika intambara maze umutekano uramara kabiri.
Juvénal Ngorwanubusa arongera ati:«Ntushobora kubona baza kudutera amagrenade I Bujumbura ngo uce buno nyene utaragira amatohoza tuje twumva ngo wafashe abantu babikoze n’uwabatumye, nukurondera ingene haba amatohoza akwiye arimwo abantu benshi ataho begamiye hama umuti uboneke.»
Kuwa gatanu w’indwi iheze harabaye igitero c’ama grenade mu gisagara ca Bujumbura kikaba carakomerekeje abarenga 30, bukeye umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano akaba yamenyesheje ko ababikoze bafashwa n’igihugu c’u Rwanda hama bakarungikwa mu muhari Red Tabara.
Leta y’u Rwanda nayo ica yagiza igihugu c’u Burundi kuba atamatohoza gikora mbere y’uko itangaza ko u Rwanda arirwo rufasha Umuhari wa Red-Tabara kuba ariwo uri inyuma y’ico gitero, Red Tabara nayo ntiyiyamiriza kuba ariyo yabikoze, nyene hagaca hibazwa uwoba ari inyuma y’ivyo bitero agihe hari abavuga ko bikorwa na banwe mubagize umuhari CNDD-FDD
Rwandatribune.com