Umunyagihugu Epipode Yamuremye,aka numunywanyi w’umugambwe CNL, akiyoboka umushingamateka Rwasa Agathon yaragandaguwe bunyamaswa n’imbonerakure mw’ijoro ryo kumunsi wagatandatu igenekerezo rya 11/05/2024.
Epipode Yamuremye yavutse 1989 kumutumba busokoza wa zone na komine Butaganzwa intara ya kayanza..
Mwomenya ko uwo muhisi yishwe bunyamaswa nimbonerakure yari yiriwe muri komine kuruwo munsi nyene gusezerana nuwo bari bagiye kuzokubakana urugo imbere yamategeko (état -civil) akaba yari asigaje kuzosezerana imbere yabakozi b’Imana mukwezi kwindwi 07/2024, ariko izo nkozi zikibi zica zihutira kumwaka ubuzima..
Epipode Yamuremye akaba yishwe bunyamaswa nakagwi k’imbonerakure kamutegereye atashe mumasaha yijoro, babanza kumusopa udufaranga yarafise twose, bahejeje baca bamucumita icuma mumutwe aca aracikana.
Imbonerakure zimaze kumenyekana zamwishe nizi zikurikira:
Ndayikeza Philbert
Minani onias
Nizigiyimana Ezéchiel
Claude
Ndayabona Léonard na
Mamberesi.
Izo mbonerakure zamutegereye kuko zizi ko yama ataha mw’ijoro kenshi, kubera imirimo yiwe ya minsi yose, yari umucuruzi w’akabiri muri ako gace azwi cane.
Abo bamwishe basanzwe bavuka no kumutumba umwe na Epipode Yamuremye,, kandi basanzwe bazwi cane mubuguzi bwa nabi butandukanye murako gace.
Imbonerakure zimaze igihe kinini zama zica abantu mu gihugu,kandi zikaguma zidegemvya ukuri kwamye,, abarundi benshi babona ko ivyo izo mbonerakure zikora vyose biba bizwi ninzego zitandukanye z’igihugu.
Umuryango wiwe urasaba ko abamwishe bohanwa vyakarorero, ariko bakongera bakavuga ko atacizere bafise ko izo mbonerakure zizohanwa kuko zama zikora amabi buri gihe ntihagire ico zibazwa.
Désiré nkundwa
Rwandatribune.com