Imyimenyerezo ya gisirikare n’ikarashishi vyimbonerakure vyasubiriye kwibonekeza muri komine Gitega intara ya Gitega ku mitumba yose igize iyo ntara guhera kwa gatanu igenekerezo rya 01 Ntwarante 2024.
Iyo myimenyerezo ikaba itangura igihe ca sakumi nimwe z’umugoroba (17h00).. aho batangura baririmba indirimbo zivuga amacakubiri n’ivangura, bazunguruka mu mitumba n’amakaritiye yose agize iyo komine.
Muri iyo mwimenyerezo n’imyiyerekano ya gisirikare, Cane cane baca batuka abo bose batari muri cnddfdd canke abahunze, bari hanze y’igihugu c’Uburundi mu buhungiro..
Bakaba babatuka babita ngo niba “”Mujeri, intumva, ibipinga nayandi”” ngo ni ukuzobamesa, kubakosora, kubapingura, mpaka bemeye gushirira, bisigura mpaka bemeye kwinjira mu mugambwe CNDD FDD ku nguvu.
Bakora iyo karashishi bambaye imyambaro y’umugambwe CNDD FDD, bafise ibihiri, inkoni, n’abandi bafise inkoho.
Akarorero nako muri karatiye Shatanya Komine Gitega aho ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 01/03/2024 hibonekeje umugwi w’imbonerakure zirenga mirongo itandatu (60 miliciens imbonerakure) ziruka, ziririmba indirimbo zituka abo bose batavuga rumwe na cnddfdd.
Abanyagihugu bo muri utwo duce bakaba batewe n’ubwoba niryo karashishi ry’imbonerakure ryasubiriye kwibonekeza ku rugero rudasanzwe.
Barasaba komiseri kominale wa Gitega na musitanteri wiyo komine Jacques Nduwimana, guhagarika ivyo bikorwa bigayitse vyizo mbonerakure.
Nkundwa Desire.
Rwandatribune.com