Imbonerakure zegereye ubutegetsi bwa CNDDFDD, zibandanya kugira imyimenyerezo ya gisirikare mubice bitandukanye vyigihugu, Na cane cane imbonerakure ziva mu ntara za Cibitoke Bujumbura Bubanza na kayanza.
Muriyo myimenyerezo hajayo imbonerakure zatowe murizo ntara zizwi mukurinda bikomeye, kuko zihejeje iyo karashishi zizoca zirungikwa mu gihugu ca RDC mu bikorwa vya gisirikare.
Izo mbonerakure zotowe bazihurije mu kigo ca gisirikare co ku mudubugu kiri mu ntara ya BUBANZA, Ico kigo kikaba gisanzwe gihuriramwo abariko bakora imyimenyerezo yo kuja kurinda umutekano mu bihugu vyo hanze nkaza Somalie nahandi…
Izo mbonerakure zikaba zimaze indwi zibiri aho ku mudubugu zikora iyo myimenyerezo, babifashijwemwo na Lieutenant Colonel Jean Baptiste Nahishakiye, atwara batayo yi 112 ikorera mu ntara ya Cibitoke (112ème bataillon d’Infanterie).
Iyo myimenyerezo bakaba bayihejeje ejo kumunsi wagatatu igenekerezo rya 06/03/2024, bagize imyitozo ijanye no kurasa bakoresheje ibikoho bikomakomeye ( artilleries) nizindi ntonto.
Bikaba vyabereye ku musozi wa CISHEMERE utandukanya Komine Buganda na Rugombo hafi yibirometero bitanu kugira ushike ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke.
Hakaba harumvikanye ibisasu bikomakomeye, bitera ubwoba bwinshi abanyagihugu bamwe bahungira kumurwa mukuru w’intara, abandi bata imirimo yabo ya minsi yose kubera ivyariko biba,,,kandi ari kumurango (des tirs lourds pendant la journée).
Bitegekanijwe ko izo mbonerakure zizoca zirungikwa mu gihugu ca RDC kugwanya M23 na Red tabara muri Kivu yamajepfo n’amajaruguru, muntumbero yo gufasha abasirikare babarundi bamazeyo iminsi.
Bikaba bitegekanijwe ko bava i Burundi berekeza muri RDC ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 08/03/2024
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com