Mu Burundi, mu ntara ya Kirundo, abahoze mu gisirikare hamwe n’imbonerakure zegamiye ku mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, bizewe n’ubutegetsi bwa Evariste ndayishimiye, barungitswe mw’Ishamba rya “MUREHE ” rihana urubibe n’u Rwanda, no mu mitumba ihanamiye lac Rweru na Cohoha,itandukanya igihugu c’Uburundi n’URWANDA, bakora imyitozo ya gisirikare.
Izo mbonerakure n’abahoze mu gisirikare bizewe n’ubutegetsi bwa Gitega, Bakaba bacaguwe muntara za Kirundo, Karusi na Muyinga.
Igikorwa nyamukuru bajejwe, ni uguhiga buhongo umunyagihugu wese wo murutwo duce yoba avugana nuwuri mu gihugu kibanyi c’u Rwanda, haba kuri téléphone guhamagara , Whatsapp; bace bamufata, bamuhagarike, abazwe igituma avugana n’abari m ugihugu k’itavuga rumwe na leta y’u Burundi.
Imiryango y’abamaze gufatwa, ifise ubwoba bw’ubuzima bw’ababo, narirya kenshi iyo bafashe abantu, batamenyeshwa iyo bafungiwe , canke ubuzima bwabo uko bumerewe ; bongera babatinya ko bashobora kwicwa bagatorwa bapfuye.
Ababa murizo ntara basaba ko ivyo bintu vyohagarara, bakareka abanyagihugu bakibera mubuzima busanzwe.
Nkundwa Désiré
Rwandatribune.com