Kuva imvura nyishi itanguye kugwa mu bice bitandukanye vyigihugu, ikiyaga ca Tanganyika n’izindi nzuzi nyishi amazi akaduga kurugero rudasanzwe, inyubako nyinshi ziratwagwa n’amazi, izindi zuzura amazi, aha twotanga akarorero nk’amashure, amazu yo kubamwo, amasengero, eka inyubakwa zitandukanye, vyatumye ubuzi bumwe buhagarara mu rivyo bice eka nabanyagihugu ubuzima bwabo n’imiryango bija mukaga.
Muri kino gihe, Abarundi barenga ibihumbi amajana ane (400.000 burundais) bakaba bakeneye ubufasha bwihutirwa, kubera bavuye muvyabo giturumbuka eka batagira ico bafungura naho bakika umusaya.
Abo banyagihugu, ahanini bagizwe n’abo mu bice vya Komine Mutimbuzi iri mu Ntara ya Bujumbura rural, mu Gisagara ca Bujumbura mubice vya Quartier Asiatique, Industriel, Kinindo, Kibenga, Kanyosha no mu Ntara ya Rumonge na Komine Nyanza-lac.
Abo banyagihugu baravuga ko benshi muri abo batakigira aho baba, kumvo zuko amazu yabo yatewe n’imyuzurira yamazi, eka hakaba hari nabatatanye n’abana babo, n’abandi benshi bamaze guheba amashure.
Abo bahuye nivyo biza, barasaba leta y’u Burundi eka n’abandi bagira neza, ko bobagarukirako hakiri mu maguru masha, kuko muri ino minsi babayeho mu buzima bubi bimwe bidasanzwe.
Desire NKUNDWA
Rwandatribune.com